Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 3:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Imana ya Aburahamu na Isaka na Yakobo, ari yo Mana ya ba sogokuruza, yashimagije Umushumba wayo Yesu, umwe mwebge mwatanze mukamwihakanira mu maso ya Pilato, amaze kwahukanya urubanza rwo kumurekura.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Imana ya Aburahamu, ya Isaka n’iya Yakobo, Imana ya ba sogokuruza, ni yo ishimagije umusavyi wayo Yesu, uwo mwatanze ngo yicwe, mukamwihakana imbere ya Pilato, naho we yari yahisemwo kumurekura.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 3:13
46 Referans Kwoze  

ati Ni jewe Mana ya ba sogokuruza bawe, Imana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo. Mose ahinda agashitsi, ntiyatinyuka kwihweza.


iti Ni jewe Mana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo? Imana s’iy’ abapfuye, n’iy’ abariho.


Ariko, uwacishijwe bugufi, akaba musi y’abamarayika gato, ni we Yesu, tumubona yambitswe ubgiza n’icubahiro nk’igitsibo, kubg’ imibabaro y’urupfu, kugira ng’ ubuntu bg’Imana butume arogorera umuntu wese urupfu.


Na bo barasemerera, bati Mukūreho, mukūreho, umubambe. Pilato arababaza, ati Mbambe umwami wanyu? Abaherezi bakuru bati Nta mwami dufise, atari Kayisari.


Uhereye aho Pilato arondera uburyo bg’uko yomurekura, arikw Abayuda barasemerera, bati Ni warekura uyo, ntuzoba ucuzura na Kayisari, kuk’ uwīgira umwami wese aba agararije Kayisari.


Nuko basubira gusemerera, bati S’uyo, ariko turekurire Baraba. Yamara Baraba yar’ umwambuzi.


Kand’ iti Nd’ Imana ya so, Imana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo. Mose aca yipfuka mu maso, kukw atinye kwitegereza Imana.


kandi ndi muzima; nari narapfuye, kandi rāba mpora ndi muzima ibihe bitazoshira, mfise impfunguzo z’urupfu n’iz’ i kuzimu.


no kuri Yesu Kristo, icabona co kwizigirwa, imfura y’abari barapfuye, ūganza abami bo mw isi. Umwe adukunda, yatubohoje ivyaha vyacu amaraso yiwe,


Aravuga, at’ Imana ya ba sogokuruza yagutoranirije kumenya ivy’ igomba, no kubona wa Mugororotsi, no kwumva ijwi riva mu kanwa kiwe:


Ivyo abigishwa ntibabitahuye ubga mbere, ariko Yesu amaze guhabga ubgiza bgiwe, ni ho bibutse kw ivyo yavyandikiwe, kandi kw ari vyo bāmugiriye.


Arikw ivyo yabivuze kuri Mpwemu, uwo abamwizera bāgira bahabge; kuko Mpwemu ataribgatangwe, kuko Yesu ataribgashike mu bgiza bgiwe.


Pilato abgira abaherezi bakuru n’ishengero, ati Nta caha mbona kur’ uyu muntu.


Maz’ abaherezi bakuru bosha ishengero gusaba ngw ivyoba vyiza abarekurire Baraba.


Yesu arabēgēra, arababgira, ati Jewe nahawe ububasha bgose mw ijuru no mw isi.


Baramuboha baramujana, bamushikiriza Pilato, icēgēra ca Kayisari.


kandi bazomuha abanyamahanga ngw ashinyagurirwe, atonagurwe, abambge, kandi ku musi ugira gatatu azozurwa.


Vyose nabihawe na Data, kandi nta wuzi Umwana, atari Data, na Data, nta wumuzi, atar’ Umwana, n’uwo Umwana agomba kumuhishurira.


Mose abaza Imana, ati Ni nashika ku Bisirayeli, nkababarira nt’ Imana ya ba sogokuruza yabantumyeko; bakambaza, bati Yitwa nde? nzobishura iki?


Imana yongera kubarira Mose, it’ Ukw abe ari k’uzobgira Abisirayeli, ut’ UHORAHO, Imana ya ba sogokuruza, yabantumyeko, ni yo Mana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo: iryo ni ryo zina ryanje ry’ibihe bitazoshira, iryo ni ryo rizobabera icibutso canje, ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana.


Kandi ntimugahinyurire mu mitima yanyu, namwe mukazohinyurwa; kandi ntimugatsindishe, namwe mukazotsindishwa; mubohore, namwe muzobohorwa; mutange, namwe muzohabga;


Yesu aramwishura, ati Nta bubasha war’ ufise kuri jewe, shit’ ubuhawe buvuye hejuru, ni co gituma uwakunshikirije afise icaha kirengeje.


Petero abibonye, abaza abo bantu, ati Yemwe bagabo b’Abisirayeli, n’iki gitumye mutangazwa n’ibi, muduhangiye amaso iki, nk’ah’ ubushobozi bgacu cank’ ukwubaha Imana kwacu ari vyo vyaduhaye kumugendesha?


Ni mwebge Imana yatanguye gutumak’ Umushumba wayo imaze kumuzura, kugira ngw abahe umugisha, abahindure, umuntu wese ave mu bibi vyiwe.


Kandi vy’ukuri mur’ iki gisagara, Herode, bo na Pontiyo Pilato hamwe n’abanyamahanga n’imiryango ya Isirayeli, bākoraniye kurwanya Umushumba wawe yera Yesu, uwo warobanuje amavuta,


ukiramvuye ukuboko kwawe gukiza indwara, ibimenyetso n’ibitangaza bikorwe mw izina ry’Umushumba wawe yera Yesu.


Arikw iki ni co nkwemerera: n’uk’ ukw iyo Nzira iri, iyo abo bita igice, ari ko nkorera Imana ya ba sogokuruza bacu, nemera vyose bifatanije n’ivyagezwe kandi vyanditswe mu vy’abāvugishwa n’Imana;


bafise ba sogokuruza ba bandi, kandi ku mubiri Kristo yamutse kuri bo, ni we ari hejuru ya vyose, ni we Mana ikwiye gushimwa ibihe bidashira. Amen.


Na we arabihakana, at’ Eka nyina wanje, sindanamuzi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite