Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 3:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Agifashe Petero na Yohana, abantu bose birukira kuri bo, bakoranira kw ibaraza ryitwa irya Salomo, batangaye cane.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Kubera ko wa muntu yaguma yumiye kuri Petero na Yohana, abantu bose biruka iyo bari, barundana mw’ibaraza ryitwa Ibaraza rya Salomo, batangaye cane.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 3:11
9 Referans Kwoze  

Ibimenyetso n’ibitangaza vyinshi bikorwa mu bantu n’amaboko y’intumwa: kandi bose bākoranira mw ibaraza rya Salomo n’umutima uhūye:


Yesu agendagenda mu rusengero mw ibaraza rya Salomo.


Ariko wa muntu avuwemwo n’abadayimoni aramwinginga ngw agume kuri we. Arikw aramusezera,


Ico gihinda cumvikanye, hakorana abantu benshi, barajorerwa, kuk’ umuntu wese yumvise ururimi rw’i wabo baruvuga.


Atuma Petero na Yohana, arababarira, ati Ni mugende, mudutegurire ivya Pasika, kugira ngo turye.


N’iki kikuvugisha mw izina ry’Uhoraho ngw Iyi ngoro izomera nk’i Shilo, ngo N’iki gisagara kizoba amatongo, ata wukikibamwo? Nukw abantu bose bakoranira kuri Yeremiya mu ngoro y’Uhoraho.


Uyo abonye Petero na Yohana bagira binjire mu rusengero, arabasēga ngo bamuhe.


Petero amuhanga amaso, bo na Yohana, aramubarira, ati N’uturābe.


Petero abibonye, abaza abo bantu, ati Yemwe bagabo b’Abisirayeli, n’iki gitumye mutangazwa n’ibi, muduhangiye amaso iki, nk’ah’ ubushobozi bgacu cank’ ukwubaha Imana kwacu ari vyo vyaduhaye kumugendesha?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite