Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 3:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 bamenya kw ari we yahora yicara kw irembo ry’urusengero ryitwa Ryiza asēgerereza; barumirwa cane, batangazwa n’ibimubayeko.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 bamenya ko ari umwe yahora yicara asegerereza kw’irembo ry’urusengero ryitwa Irembo Ryiza, barumirwa cane, batangazwa n’ivyamubayeko.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 3:10
12 Referans Kwoze  

Hār’ umuntu yaremaye ibirenge uhereye kuva mu nda ya nyina, yama aterurwa, bakamushira kw irembo ry’urusengero ryitwa Ryiza uko bukeye, kugira ngw asēge abinjira mu rusengero.


Yesu arabishura, at’ Uyu ntiyakoze icaha, kandi s’abavyeyi biwe, ariko n’ukugira ngw ibikorwa vy’Imana bibonekere kuri we.


Kuko Se akunda Umwana, akamwereka ivy’ akora vyose ubgiwe, kand’ azomwereka ibikorwa biruta ivyo, kugira ngo mwebge mutangare.


Bose batangazwa n’icubahiro gihambaye c’Imana. Ariko bose bagitangarira ivyo yakoze vyose, abarira abigishwa biwe,


Bose barumirwa barazazanirwa, barabazanya, bat’ Ibi n’ibiki?


Barumirwa bose, baratangara, bati Mbeg’ aba bose bavuga s’Abanyagalilaya?


Bose baratangara, barabazanya, bat’ Iryo n’ijambo ki? N’ububasha n’ubushobozi agera impwemu zihumanye zigasohoka.


Abantu b’aho hantu baramumenya, batumatumanako mur’ ico gihugu cose, bamuzanira abarwaye bose,


Nukw ababanyi biwe, n’abāhora bamubona kw ar’ umusēzi, barabazanya, bati Mbeg’ uyu si we yahora yicaye asēgerereza?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite