Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 28:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Se wa Pubiliyo yar’ arwaye inyonko kand’ agacibgamw’ amaraso, maze Paulo yinjira i we, arasenga, amurambikakw ibiganza, aramukiza.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Se wa Pubiliyo yari arwaye inyonko n’amacinya, arembeye ku buriri. Nuko Pawulo yinjira aho ari aramusengera amurambitseko ibiganza, aca arakira.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 28:8
22 Referans Kwoze  

Petero arabataramura bose, arapfukama, arasenga; maz’ ahindukirira umuvyimba, ati Tabita, vyuka. Arakanura; maz’ abonye Petero, aravyuka, aricara.


Maze ntiyashobora gukoreray’ igitangaza na kimwe, atar’ abarwaye bake yarambitsekw ibiganza, akabakiza.


bazofata inzoka; ni banywa ikintu cica, nta co kizobagira na gatoya; bazorambika ibiganza ku barwaye, bakire.


Akibabgira ivyo, haza umukuru w’isinagogi aramupfukamira, at’ Umwana wanje w’umukobga aradēndūtse, n’uze se, umurambikekw ikiganza, asubire abe muzima.


Kand’ Imana yabanje gushira mw ishengero bamwe kuba intumwa, maz’ aba kabiri ibashiraho kuba abavugishwa na yo, maz’ aba gatatu, ibashiraho kuba abigisha, maz’ ishirah’ abakora ibitangaza, maz’ ishirah’ abāhawe ingabire zo gukiza indwara, n’abāhawe gufasha abandi, n’abāhawe kurōngōra, n’abāhawe kuvuga indimi nyinshi.


uwundi agaheshwa n’uwo Mpwemu ukwizera, uwundi agaheshwa n’uwo Mpwemu umwe ingabire zo gukiza indwara,


Mukize abarwaye, muzure abapfuye, mukize abanyamibembe, musende abadayimoni. Mubiherewe ubusa, mubitangire ubundi.


Ahamagara abigishwa biwe cumi na babiri, abaha ububasha ku mpwemu zihumanye n’ubgo kuzisenda, no gukiza indwara zose n’ubumuga bgose.


Amurambikakw ibiganza, uwo mwanya aragororoka, ahimbaza Imana.


Kandi ku kirengazuba, abari bafise abarwaye bose barwaye indwara zitari zimwe barabamuzanira. Abarambikakw ibiganza umwe‐umwe, arabakiza.


Bamuzanira igipfamatwi kidatobora neza, baramwinginga ngw akirambikekw ikiganza.


aramwinginga cane, at’ Akana kanje k’agakobga kari ku mpfiro, ndakwinginze, n’uze se, umurambikekw ibiganza, akire, abeho.


Maz’ abgira uwo muntu, ati Ramvura ukuboko kwawe. Arakuramvura, kurakira, gukomera nk’ukundi.


Hafi y’aho hantu hār’ amatongo y’umukuru w’ico kizinga, yitwa Pubiliyo, aratwākīra, atuzimāna neza imisi itatu.


Ivyo bibaye, abandi bari n’indwara bo mur’ ico kizinga baraza, arazibakiza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite