Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 28:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Abo badebaguzi babonye ico gikōko cenena ku kuboko kwiwe, baravugana, bat’ Uyu muntu ntabuze kuba umwicanyi; kandi naho yakize ikiyaga, Īdaca urwa nkunzi ntimukundiye kw abaho.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Abantu bo muri iryo zinga babonye ico gikoko yenenena ku kuboko kwiwe, barabwirana bati: “Uwu muntu ategerezwa kuba ari umwicanyi, kuko n’aho yari akize ikiyaga, urubanza rw’Imana ntirumwemereye kubaho.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 28:4
20 Referans Kwoze  

Canke ba bandi cumi n’umunani, abo umutara muremure w’amatafari w’i Silowamu wahomvokeyeko, ukabica, mwiyumvira yuko bārusha abandi b’i Yerusalemu bose kuba abanyabicumuro?


Arababaza, ati Mbega mwiyumvira yukw abo Banyagalilaya bārusha abandi Banyagalilaya kuba abanyavyaha, kuko bāgizwe bartyo?


Arikw akunkumurira ico gikōko mu muriro, ntiyagira ic’ aba.


Abanyamahanga badebagura baratubukabuka bitangaje, baducanira umuriro, batwākīra twese, kubg’ imvura n’imbeho vyāriho.


Ntimupfe guca imanza ku biboneka, ariko muce imanza z’ukuri.


bitayeko muzokorwa n’amaraso yose y’abagororotsi yaviriye kw isi, uhereye ku maraso ya Abeli umugororotsi ukageza ku maraso ya Zakariya mwene Barakiya mwiciye hagati y’ahēra h’urusengero n’igicaniro.


Ibikōko vyo mw ishamba bizonyubaha, bo n’imbgebge n’ibisīga vyitwa imbuni, kuko ntanze amazi mu bugaragwa, ngatembesha inzūzi ahagadutse, kugira ngo nnyweshe abantu banje, bamwe natoranije,


Arikw ibijora, n’abatizera, n’abakora ibizira, n’abicanyi, n’abashakanyi, n’abarozi, n’abasenga ibigirwamana, n’abanyabinyoma bose, umugabane wabo uzoba mu kiyaga caka umuriro n’amazuku, ni co rupfu rwa kabiri.


Abantu bose baramwishura, bat’ Amaraso yiwe araba ari twebge akora n’abana bacu.


Ico ni ca gisagara cihaya, cahora cicaye ata co cinona, kikīyāgira mu mutima, kiti Ni jewe ndiho, nta wundi atari jewe! Ewe kuntu gicitse amatongo, n’ubugaramango bg’ibikōko! Umuntu wese azohaca azohavuzakw agahwa, ahadōdekw agatoke.


Kuk’ Uhoraho arikw arava i we azanywe no guhanira ababa mw isi ukugabitanya kwabo; ivu rizogaragaza ibitenga vy’amaraso yaviriye kuri ryo, kandi ntirizoba rigitwikiriye abishwe bo muri ryo.


Umuntu arikw amaraso y’ uwundi Azokwama ahunga arinde ashika i kuzimu; ntihaze hagire ūmubuza.


Inzoka yarusha ubugunge ibikōko vyose vyo mw ishamba Uhoraho Imana yaremye. Ibaza uwo mugore, iti Mbega n’ivy’ ukuri koko yukw Imana yavuze, ngo Ntimurye ku giti na kimwe co mur’ iri tongo?


Ariko Paulo amaze gusenya umuganda w’inkwi, arazikomānya, inzoka iva mu muriro, imukomora ku kuboko.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite