Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 28:26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 ati Ja kur’ ubgo bgoko, Uti Kwumva muzokwumva, ariko ntimuzoruha mubitahura; Kurāba muzorāba, ariko ntimuzoruha muvyihweza.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 ‘Genda ubwire ubwo bwoko uti: Kwumva muzokwama mwumva ariko ntimuzokwigera mutahura, kuraba muzokwama muraba ariko ntimuzokwigera mubona.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 28:26
20 Referans Kwoze  

riti Mwana w’ umuntu, uba hagati mu b’inzu y’ abagarariji, bafise amaso yo kubona ariko ntibabona, bafise amatwi yo kwumva ariko ntibumva; kukw ar’ inzu y’abagarariji.


ngo kurāba barābe, yamara ntibavyitegereze; kwumva bavyumve, yamara ntibabitahure; ngo kumbure bohindukira bagaharirwa.


Maz’ abungura ubgenge ngo batahure ivyanditswe.


Arababgira, ati Yemwe mwa mburabgenge, imitima yanyu itevye cane kwizera ivyo abāvugishwa n’Imana bāvuze vyose!


Arababgira, ati Mwebge mwāhawe kumenya amabanga y’ubgami bg’Imana: arikw abasigaye babibarirwa mu migani; ngo barābe, yamara ntibavyitegereze; bumve, yamara ntibabitahure.


mut’ Enda ni mwumve ibi, mwa bantu b’ibipfu, batagira umutima, bafise amaso ntibabone, bafise n’amatwi ntibumve:


None nanje nzobatoraniriza amagorwa, mbatēze ibibatera ubgoba; kukw aho nahamagara ata witavye, aho navuga ntibumve, ariko bagakora ivyo mbona kw ari bibi, bagahitamw’ ivyo nanka.


Nuko rero ngira nkore igikorwa c’igitangaza mur’ aba bantu, mbere n’igikorwa gitangaje c’akumiza: ubgenge bg’abanyabgenge babo buzoherengetera, n’ ubuhanga bg’abahanga babo buzokamangana.


Kuk’ Uhoraho abasutsekw impwemu y’uruhuni, agahuma amaso yanyu, ni yo bavugishwa banyu, agapfuka n’imitwe yanyu, ni yo bamenyi banyu.


Arik’ Uhoraho ntiyabaha umutima wo kubitahura, n’amaso yo kuvyitegereza, n’amatwi yo kuvyumva, gushitsa kur’ uyu musi.


Batemeranije ubgabo barataha, Paulo asubiye kuvuga ijambo rimwe, at’ Ivyo Mpwemu Yera yabaririye ba sogokuruza banyu mu kanwa k’uwavugishwa n’Imana Yesaya, yabivuze neza,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite