Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 28:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Basezerana na we umusi, baza iy’ ari ari benshi, mu nzu bamuhaye, arabibasobanurira, ashingira intahe ivy’ ubgami bg’Imana, abemeza ivya Yesu, abikuye mu vyagezwe vya Mose no mu vy’ abāvugishwa n’Imana, ahēra mu gitondo ashitsa ku mugoroba.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Baca bashinga uwundi musi bazobonanirako, hanyuma baza ari benshi bamusanga mu nzu yabamwo. Kuva mu gitondo gushika mw’ijoro, arabasigurira yongera abemeza ivy’Ubwami bw’Imana, agerageza kubatahuza ivya Yesu Kristo akoresheje ibitabu vy’ivyagezwe vya Mose n’ivy’abavugishwa n’Imana.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 28:23
19 Referans Kwoze  

Yinjira mw isinagogi, amara amezi atatu avuga ashize amanga: akīranira ivy’ ubgami bg’Imana abibemeza.


kuko yatururuza Abayuda abatsindira imbere y’abantu, yerekana mu vyanditswe yuko Yesu ari we Kristo.


None mpagaze ngo ncirwe urubanza, kuko nizigira kuzobona ivy’ Imana yasezeraniye ba sogokuruza:


Filipo ateranura akanwa, atangurira kur’ ivyo vyanditswe, amubgira ubutumwa bgiza bga Yesu.


Arababgira, at’ Aya n’amajambo yanje nababgira nkiri kumwe namwe, y’ingen’ ivyanditswe kuri jewe vyose mu vyagezwe vya Mose no mu majambo y’abāvugishwa n’Imana no muri Zaburi bikwiye gushika.


Ahārīrira n’abaho mw isinagogi amasabato yose, ngo yemeze Abayuda n’Abagiriki.


Yesu arababgira, at’ Indya zanje n’ugukora ico uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe.


na Apiya mushiki wacu, na Arukipo turwanana, n’ishengero ryo mu nzu yawe:


Kand’ atabaciriye umugani nta co yababgira, ariko yihereranye n’abiwe bigishwa akabibasobanurira vyose.


kuko mfise bene mama batanu; ababgire uko bimeze, ngo na bo ntibaze baze hano hantu ho kubabarizwa.


Kand’ amaze kubabazwa, abiyereka ari muzima atanga ibimenyetso vyinshi, ababonekera imisi mirongwine, avuga ivy’ ubgami bg’Imana.


Ijoro ry’uwo musi, Umwami Yesu amuhagarara hejuru, ati Hūmura; nk’uko wanshingiye intahe i Yerusalemu, ni k’ukwiye kuzonshingira intahe i Roma.


Arikw iki ni co nkwemerera: n’uk’ ukw iyo Nzira iri, iyo abo bita igice, ari ko nkorera Imana ya ba sogokuruza bacu, nemera vyose bifatanije n’ivyagezwe kandi vyanditswe mu vy’abāvugishwa n’Imana;


akabahanūra mu vy’ubgami bg’Imana, akigisha ivy’ Umwami Yesu Kristo, ashize amanga rwose, ata wumubuza.


Kandi n’ikindi, untegurire indāro; kuko nizigiye yuko muzompabga kubg’ amasengesho yanyu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite