Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 28:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Ariko turagomba kwumva ivyo wiyumvira, kukw ico gice tuzi yuko bakivuga nabi hose.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Ariko twashaka kukwiyumvira utubwire ivyo wizera, kuko turazi ko ahantu hose bavuga nabi uwo mugwi w’idini urimwo.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 28:22
14 Referans Kwoze  

mugire ingeso nziza mu mahanga, kugira ngo, no ku vyo babavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, ibikorwa vyanyu vyiza babona bize bitume bahimbaza Imana ku musi ibagendeye.


mufise imitima itarimw’ ijwi ribāgiriza ikibi, kugira ngo no ku vyo muvugwa nabi, abatuka ingeso zanyu nziza zo muri Kristo bamāramāre.


Arikw iki ni co nkwemerera: n’uk’ ukw iyo Nzira iri, iyo abo bita igice, ari ko nkorera Imana ya ba sogokuruza bacu, nemera vyose bifatanije n’ivyagezwe kandi vyanditswe mu vy’abāvugishwa n’Imana;


Simeyoni arabahezagira, abgira nyina Mariya, at’ Umve, uyu ashiriweho kugira ngo benshi mu Bisirayeli bagwe, benshi bavyuke, no kuzoba ikimenyetso kigawa,


Kuko n’ibice bitobura kuba muri mwebge, ngw abemewe muri mwebge baseruke.


Kandi bokwemera kubishingira intahe, baranzi, uhereye mbere na mbere, yuko nar’ Umufarisayo wo mu muce urusha iyindi yo mw idini yacu gushimikira imigenzo.


Maze hava hasi bamwe bo mu muce w’Abafarisayo bizeye, baravuga, bat’ Abanyamahanga birakwiye ko bakebga, no kubabgiriza kwitondera ivyagezwe vya Mose.


Maz’ umuherezi mukuru ahagurukana n’abāri kumwe na we bose, ni bo muce witwa uw’ Abasadukayo, buzura ishari,


Irya mbere, mwese mbashimiye Imana yanje muri Yesu Kristo, kukw inkuru y’ukwizera kwanyu ikwiye mw isi yose.


Abona vyinshi yamara ntiyitegereza; amatwi yiwe arazibūtse, yamara ntiyumva.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite