Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 28:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Na bo baramwishura, bati Nta vyete twāronse bivuye i Yudaya bivuga ivyawe, kandi bene Data baje nta watubariye inkuru mbi yawe, canke ngw akuvuge nabi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Baca baramwishura bati: “Nta kete na rimwe twigeze turonka rivuye i Yudaya rivuga ivyawe, kandi nta wo muri benewacu n’umwe yaje ava hariya ngo atubwire ikibi na kimwe kuri wewe.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 28:21
8 Referans Kwoze  

Nta co kurwanisha bācuriye kukurwanya kizogira ico kimara; kand’ ururimi rwose ruzoguhagurukira kukubūranya, uzorutsinda. Ivyo ni vyo mwandu w’abasavyi banje, jewe Uhoraho, kand’ ukwo ni kwo kugororoka kwabo kwanduruka kuri jewe; ni jewe Uhoraho mbivuze.


Ūntsindishiriza ari hafi; non’ uwombūranya ni nde? Ngo tuve hasi duhagararane: umubūranyi wanje ni nde? N’aze tubangikane.


Eh’ abakurakiye bose bazotētērwa bamāramāre: abagutonganya bazocika ubusa, baranduke.


Kandi n’umuherezi mukuru na we aranshingira intahe y’ivyo, bo n’abanyekombe bose. Ni bo bāmpaye ivyete vyandikiwe bene Data b’i Damasiko, ikinjanyeyo ar’ ukuzana i Yerusalemu abaho na bo bari mu ngoyi, ngo bishure.


Ariko mu Bisirayeli nta n’umwe azogira ico aba, ar’ umuntu cank’ igitungano, haba n’uwo imbga izogwangwarira: kugira ngo mumenye yuk’ Uhoraho yashizeh’ itandukaniro hagati y’ Abanyegiputa n’Abisirayeli.


Kandi none, bene Data, ndazi yuko mwabikoze mutabizi, n’ababaganza na bo n’uko.


Tuhasanga bene Data bamwe, baratwinginga ngo tumarane na bo imisi ndwi: uko ni ko twashitse i Roma.


Iyaba vyashoboka, noshimye kuvumwa no kuba igicibga kuri Kristo kubga bene wacu, abo tuvukana ku mubiri,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite