Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 28:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Abanyamahanga badebagura baratubukabuka bitangaje, baducanira umuriro, batwākīra twese, kubg’ imvura n’imbeho vyāriho.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Abantu baba kuri iryo zinga batwakirana ubugwaneza budasanzwe, baca baducanira umucanwa kuko imvura yariko iragwa kandi hari hakanye.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 28:2
19 Referans Kwoze  

Ntimwibagire kugirira neza abashitsi: kuko bamwe bāgize bartyo bāhaye indāro abamarayika batabizi.


aho ntihaba Umugiriki cank’ Umuyuda, uwakebge cank’ ūtākebge, ūdebagura cank’ Umusikiti, umugurano cank’ uwidegemvya; ariko Kristo ni vyose, kand’ ari muri bose.


Abagiriki bo n’abanyamahanga badebagura, abanyabgenge bo n’ibipfu, ndi n’umwenda wabo;


mu butame no mu bucumukure, ndāra maso kenshi, ngira inzara n’inyota, mmara ubusa kenshi, nicwa n’imbeho, nambara ubusa.


Abo badebaguzi babonye ico gikōko cenena ku kuboko kwiwe, baravugana, bat’ Uyu muntu ntabuze kuba umwicanyi; kandi naho yakize ikiyaga, Īdaca urwa nkunzi ntimukundiye kw abaho.


nukw iyo ntamenye ukw ijwi risobanurwa, uno avuga mba ndamubereye ūdebagura, kandi nanje, uno avuga aba ambereye ūdebagura.


Kand’ ūzoha umwe mur’ abo bato urwato rw’amazi apfutse gusa kukw ar’ umwigishwa, ndababgira ukuri yukw atazobura impēra yiwe.


Bukeye bg’aho dufata i Sidoni, Yuliyo agirira Paulo neza, amukundira kugendera abagenzi ngo bamuzimane.


Umunyamahanga aba muri mwebge muze mumugirire nk’imvukira, mumukunde nk’ uko mwikunda: kuko namwe mwar’ abanyamahanga mu gihugu ca Egiputa: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.


Kand’ ūtākebge umubiri ni yitondera ivyagezwe, azogutsindisha, wewe ucumura ku vyagezwe, ufise inyuguti zavyo no gukebga.


Abashumba n’abagendanyi bāri bahagaze bacanye umuriro w’amakara, kuko hār’ imbeho, bariko barōta; kandi Petero na we yari kumwe na bo, ahagaze yōta.


Nuko mur’ iyo misi itatu Abayuda n’Ababenyamini bose bari bamaze gukoranira i Yerusalemu; hāri ku musi ugira mirongwibiri w’ukwezi kw’icenda; abantu bose bagandagaza ku kibuga imbere y’ ingoro y’Imana, bahindishwa agashitsi n’ivyo, kandi n’uko hāri n’ imvura nyinshi.


Ntihaze hagire uwihōra, cank’ ūbīkira inzigo abo mu bgoko bgabo; ariko mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda: ni jewe Uhoraho.


Ariko Paulo amaze gusenya umuganda w’inkwi, arazikomānya, inzoka iva mu muriro, imukomora ku kuboko.


Ūdakomeye mu vyizerwa, mumwemere, ariko s’ukumuhāririza ku vy’ akekeranya.


Ūrya inyama yoye gukēngēra ūtazirya; kand’ ūtazirya yoye guhinyura ūzirya, kukw Imana yamwemeye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite