Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 28:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Bene Data b’i Roma bumvise inkuru yacu, baza kudusanganirira ahitwa Akaguriro ka Apiyo, n’ahitwa Amaduka Atatu: Paulo ababonye ashima Imana, umutima urarema.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Maze Bene Data baho bumvise ko dushitse, baca baraza badusanganirira kw’Isoko rya Apiyusi, abandi badusanga ku Nzu z’Ingenzi Zitatu. Pawulo ababonye ashima Imana kandi ararema mu mutima.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 28:15
22 Referans Kwoze  

Mwibuke ababoshwe nk’ababohanywe na bo: mwibuke n’abagirirwa nabi, kuko namwe muri mu mubiri.


aho nzogīra i Sipaniya. Kuko nizigira kuzobarāba nciye iyo, mukamperekeza, mukansezera neza njayo, ni namara kubashira inkumbu buhoro.


kand’ ivyābagerageza kubg’ umubiri wanje ntimwabitītūye, ntimwāciriye inyeri, ariko mwānyakiriye nk’umumarayika w’Imana, canke nka Kristo Yesu.


Turangije iyo misi, tuvayo turagenda, bose baduherekezanya n’abagore n’abana, baturenza igisagara, dupfukama ku musenyi, turasenga.


Petero agira yinjire, Koruneliyo aramusanganira, yikubita imbere y’ibirenge vyiwe, aramupfukamira.


bābīra amashami y’ibigazi, baja kumusanganira, barasemerera, bati Hoziyana: hashemezwe ūje mw izina ry’Uhoraho, ni we Mwami w’Abisirayeli.


Ni witege Uhoraho: Rema, umutima wawe uhūmure: Nuko, ni witege Uhoraho.


Maze Dawidi agira intuntu nyinshi, kukw abantu bāvuga nk’abagomba kumutera amabuye; bose bāri n’akabonge kubg’ abana babo b’abahungu n’abakobga; ariko Dawidi arīremēsha, yisunze Uhoraho Imana yiwe.


None si jewe nkwibaririye, nti Shikama, ushire amanga? Nuko ntutinye, nturanduke umutima, kuko jewe Uhoraho Imana yawe ndi kumwe nawe ah’ uzoja hose.


Mose atuma uburake bg’ Uhoraho buziriringa; Uhoraho aramubgira, ati Mbega Aroni mukurwawe, Umulewi, si h’ari? Kandi nzi kw ar’ imvuzi. Nuko rero, agiye kuza kugusanganira; ni yakubona, azonezerwa mu mutima wiwe.


Ni co catumye bene Data, turemeshwa kubganyu n’ukwizera kwanyu, mu mubabaro wacu wose no mu marushwa.


Arikw Imana ishimwe, yama itujana nk’abafashwe mpiri muri Kristo, idutera kwerekana ubumote bgo kumumenyekanisha ahantu hose.


Mur’ iyo misi Petero ava hasi ahagarara hagati ya bene Data, (hāri hakoraniye ishengero ry’abantu nk’ijana na mirongwibiri), aravuga,


Maz’ arabinjiza, abaha indāro. Bukeye bg’aho, Petero arīkora, avanayo na bo, na bene Data bamwe b’i Yopa bajana na we.


Intumwa na bene Data bar’i Yudaya bumva yukw abanyamahanga na bo bemeye ijambo ry’Imana.


Mpwemu ambarira kujana na bo, ata tandukaniro. Kandi na bene Data aba, ukw ari batandatu, turajana, twinjira mu nzu y’uwo mugabo.


Arabamama, abīgānira uk’Umwami Imana yamukūye mw ibohero, arababgira, at’ Ivyo mubibarire Yakobo na bene Data bandi. Arahava, aja ahandi.


Tuhasanga bene Data bamwe, baratwinginga ngo tumarane na bo imisi ndwi: uko ni ko twashitse i Roma.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite