Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 28:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Tuhamaze amezi atatu, tuvudukayo mu bgato bgari bgavuye muri Alekisanderiya, bgari bumaze iyo misi y’urushana ku kizinga, ikimenyetso cabgo car’ Imana z’Amahasa.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Tuhamaze amezi atatu, duca twurira ubwato bwava muri Alegizanderiya bwari bwabujijwe kubandanya urugendo n’igihe c’imbeho nyinshi cane. Umutwe wabwo wariko ikimenyetso c’ibigirwamana vy’amahasa bibiri vyitwa Kasitori na Polugisi.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 28:11
9 Referans Kwoze  

Uwo mugabisha w’abasoda ijana ahasanga ubgato buvuye muri Alekisanderiya buja muri Italiya, adushiramwo.


Nuko, ku vyo kurya ivyaterekerejwe ibigirwamana, turazi yukw igishushanyo atar’ ikintu mw isi, kandi yukw ata mana yindi iriho, atar’ Imwe.


Ni mukorane, ni muze, mwīgirire hafi hamwe, mwebge abarokotse bo mu mahanga: abīkorera igiti c’ikigirwamana cabo c’ikibāzano, bagasenga imana idashobora gukiza, nta bgenge bagira.


Ariko hava hasi abantu bamwe bo mw isinagogi y’Abaliberutino, n’iy’ Abanyakurene n’iy’ Abanyalekisanderiya, n’iy’ Abanyakilikiya, n’iy’ Abanyasiya, baja impāri na Stefano,


Maz’ abo bantu baca batinya Uhoraho bihebuje; bamuha ikimazi, bamusezeranira amasezerano.


Abasoza baratinya, umuntu wese yambaza imana yiwe; baterera mu kiyaga ibintu vyari mu bgato ngo baburemurure. Ariko Yona we yari yamanutse mu gafuruka ko mu bgato gahera epfo, yigaramiye yisinziriye.


Bararamiriza baca mur’ ico kizinga cose, bashika i Pafo, basangay’ umugabo w’umunyamarēba, umuraguzi w’ibinyoma, yar’ Umuyuda, izina ryiwe ni Bari‐Yesu;


Baduha icubahiro mu buryo bginshi; maze mu gihe co kujabuka kwacu bashira mu bgato ivyo dukennye.


Dufata i Surakusa, tuhamara imisi itatu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite