Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 27:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Tujabutse ikiyaga gihereranye n’i Kilikiya n’i Pamfiliya, dufata mu gisagara c’i Lukiya citwa Mura.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Tumaze kurengana akarere kari hagati ya Kilikiya na Pamfiliya, duca twururukira i Mura muri Lukiya.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 27:5
9 Referans Kwoze  

Ariko hava hasi abantu bamwe bo mw isinagogi y’Abaliberutino, n’iy’ Abanyakurene n’iy’ Abanyalekisanderiya, n’iy’ Abanyakilikiya, n’iy’ Abanyasiya, baja impāri na Stefano,


Maze Paulo n’abāri kumwe na we bavuduka i Pafo bari mu bgato, bafata i Peruga h’i Pamfiliya: Yohana abasigayo, asubira i Yerusalemu.


Maze nja mu ntāra z’i Siriya n’i Kilikiya.


ati Nd’ Umuyuda, navukiye i Taruso h’i Kilikiya, ariko nakuriye mur’ iki gisagara, nigishirizwa imbere y’ibirenge vya Gamaliyeli nk’uk’ uruhande rugoye rw’ivyagezwe vya ba sogokuruza ruri, ngira ishaka ry’Imana, nk’uko namwe mwese murifise uyu musi.


Paulo aramwishura, ati Nd’ Umuyuda, umuntu w’i Taruso, igisagara c’i Kilikiya kitayoberanye: none ndakwinginze unkundire ico mbarira abantu.


Aca i Siriya n’i Kilikiya, aremesha amashengero.


Ariko Paulo ntivyamubera vyiza kujana uwabataye i Pamfiliya, ntajane na bo mur’ ico gikorwa.


bandika icete, barakibarungikana, canditswe girtya, ngw Intumwa na bene Data bakuru turabatasha mwebge bene Data bo mu banyamahanga bari muri Antiyokiya n’i Siriya n’i Kilikiya.


n’i Furugiya, n’i Pamfiliya, no muri Egiputa, no mu bihugu vy’i Libuwa bihereranye n’i Kureni, n’ab’ i Roma bāgerereye ino, Abayuda, bo n’abātoye idini yabo,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite