Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 27:41 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

41 Ariko bashitse mw ihūriro ry’amazi, basekura ubgato ku gataka, maz’ umutwe wabgo w’imbere winjiramwo, urahamangira, uw’ inyuma na wo utangura kumenagurwa n’inkomezi z’imipfunda.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

41 Ariko ubwato buca bwiseka mu musenyi mwishi burahagarara, umutwe wabwo uruma mu musenyi, igihande c’inyuma na co kirasaba kubera imipfunda yacisekako n’inkomezi nyinshi.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 27:41
11 Referans Kwoze  

Abasoza bawe bagushikanye mu mazi menshi: umuyaga uvuye i burasirazuba ugusābiriza mw idamba mu kiyaga.


bamaze kugaterura, bābīra ibitsibo vy’integakiba, babicisha musi y’ubgato, barabuboha: kandi kuko batinya gusukwa ku musenyi ushaya witwa Suriti, bamanura igihuzu kigendesha ubgato, bagenda bartyo bakubebga.


Igihe ikiyaga cagusāvya, ukadobera i bgina mu mazi, ibidandazwa vyawe n’abanyabgato bawe bose vyadoberanye nawe.


Maze Eliyezeri mwene Dodavahu w’i Maresha abarira Yehoshafati avugishijwe n’Imana, ati Ko wifatanije na Ahaziya, Uhoraho akwiciye ivyo wabājishije. Nukw ayo māto aramenagurika, ntiyaba akija i Tarushishi.


Yehoshafati abāzisha amato y’i Tarushishi yo kwama aja i Ofiru kuzana amazahabu; ariko ntiyashikayo, kuko yamenagurikiye i Eziyoni‐geberi.


Maz’ abagendesha ubgato barondeye ingene bobuhungamwo, bururukiriza ka kāto mu kiyaga, biyenzereza nk’abagomba kuzirikisha ivyuma umutwe w’imbere.


Bazitura imigozi ifashe ivyuma biziritse ubgato, babirekera i bgina; bariko barabikora, batenzūra imigozi yar’ igumije ingafe zihindukiza ubgato, badūza igihuzu c’imbere kibugendesha ngo gihēhwe n’umuyaga, batumbereza ku musenyi.


Inama y’abasoda kwar’ uko bokwica imbohe, kugira ngo ntihagire uwo muri zo yokwoga agacika.


Nuko bene Data nkunda, mukomere ntimunyiganyige, murushirize imisi yose gukora ibikorwa vy’Umwami wacu, kuko muzi yuk’ ubutame bganyu atar’ ubg’ ubusa mu Mwami.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite