Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 27:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Bukeye bg’aho dufata i Sidoni, Yuliyo agirira Paulo neza, amukundira kugendera abagenzi ngo bamuzimane.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Ku musi ukurikira twururukira i Sidoni. Pawulo agira ikiganza ciza kuri Yuliyo, amwemerera kuja ku bagenzi biwe kugira ngo bamufashe mu vyo akeneye.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 27:3
12 Referans Kwoze  

Abarira umugabisha w’abasoda ijana kumurinda urw’ amaso, no kutabuza n’umwe mu bagenzi kumukorera.


Tumaze gushika Roma, umugabisha w’abasoda ijana ashikiriza imbohe umugabisha w’abasoda bahora bashibama kwa Kayisari: ariko bakundira Paulo kuba ukwiwe, ari kumwe n’umusoda amurinda.


Ariko wa mugabisha w’abasoda, agomvye gukiza Paulo, ababuza iyo nama yabo, avuga yukw abazi kwoga bokwisuka mu mazi, kugira ngo babanze gushika ku nkombe:


Bamaze gushinga ngo tujabuke tuje muri Italiya, Paulo n’izindi mbohe babaha umugabisha w’abasoda ijana yitwa Yuliyo, wo mu ngabo za Augusito.


Maz’ ashāmira abo muri Tiro n’i Sidoni, na bo bahūza inama, baja kuri we, bahongera Bulasito, umukuru w’abagaranzurira umwami, basaba impore, kukw igihugu cabo casuma mu gihugu c’uwo mwami.


At’ Uzobona ibara, Korazini; uzobona ibara, Betsayida; kukw ibikomeye vyakorewe muri mwebge iyo biba vyarakorewe muri Tiro n’i Sidoni, baba barihannye kera, bakambara amagunira, bakīsīga iminyota.


irishinge n’i Hamati hahereranye na ho, bo n’i Tiro n’i Sidoni, nah’ ar’ abanyabgenge bginshi.


Aravuga, ati Ntugisubira kunezerwa, wa nkumi y’i Sidoni yononekaye; va hasi ujabuke uje i Kupuro, kandi n’iyo na ho ntuzoharonka uburuhukiro.


Zebuloni azoba kw isēsero ry’ ikiyaga, I wabo hazoba kw isēsero ah’ amato ashikira; Azohāna urubibe n’i Sidoni.


Kanani yavyaye imfura yiwe Sidoni, akurikizako Heti:


n’i Eburoni n’i Rehoba n’i Hamoni n’i Kana, gushika no kuri ca gisagara kinini Sidoni;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite