Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 27:29 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

29 Kandi kuko batinya gusukwa ahantu h’amabuye baterera mu mazi ivyuma bine vyo kuzirika ubgato babicishije mu mutwe w’inyuma; bifuza ko buca.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

29 Batinye ko ubwato bwohava bwiseka ku mabuye, baca barekurira mu mazi ivyuma bine biremereye biboheye ku migozi bibuza ubwato kugenda bibohewe ku bwato inyuma, barira ko bwoca.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 27:29
8 Referans Kwoze  

bamaze kugaterura, bābīra ibitsibo vy’integakiba, babicisha musi y’ubgato, barabuboha: kandi kuko batinya gusukwa ku musenyi ushaya witwa Suriti, bamanura igihuzu kigendesha ubgato, bagenda bartyo bakubebga.


Ivyo vyizigiro tubifise nk’ikizirika umutima kigumye, gikomeye, cinjira hirya y’igihūzu gikīngiriye ahēra cane,


Maz’ abagendesha ubgato barondeye ingene bobuhungamwo, bururukiriza ka kāto mu kiyaga, biyenzereza nk’abagomba kuzirikisha ivyuma umutwe w’imbere.


Ariko har’ ikizinga dukwiye gusukwako.


Umutima wanje uriteze Umwami Imana, Urusha ukw abateramyi basūra ko buca: Eka urusha ukw abateramyi basūra ko buca.


Buzoca, mugire mut’ Iyo bgira! Buzokwira, mugire mut’ Iyo buca! mubitewe n’ubgoba buri mu mitima yanyu bgayiranduye, n’ivyo amaso yanyu azohora abona.


Bagera uburebure bg’amazi yo hasi, babona ingero mirongwibiri; hashize umwanya muto bongera kugera, babona ingero cumi na zitanu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite