Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 27:27 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Ijoro ry’icumi na kane rishitse, dukūbēbga irya n’ino mu kiyaga ca Adiriya; maze nko mu gicugu abagendesha ubgato bakēka ko har’ igihugu bēgereye.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

27 Mw’ijoro ry’umusi ugira cumi na kane, twari tugikubebwa n’umuyaga mu kiyaga ca Adiriyatiko. Nko mu gicugu, abagendesha ubwato bumva ko umenga turegereje umusozi.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 27:27
6 Referans Kwoze  

kuk’ ubutunzi bungaho bukomvomvotse mw isaha imwe! Kandi nyen’ ubgato wese, n’umuntu wese ajabukirizwa mu bgato ahantu hose, n’abasoza, n’abatunzwe n’ikiyaga, bari bahagaze kure,


Maz’ abagendesha ubgato barondeye ingene bobuhungamwo, bururukiriza ka kāto mu kiyaga, biyenzereza nk’abagomba kuzirikisha ivyuma umutwe w’imbere.


Nuk’ umukuru w’ubgato aja ah’ ari, aramubaza, ati Wabaye ute ga wa gikazatiro we? Vyuka wambaze Imana yawe; kumbure Imana yodusubizak’ umutima, ntidupfe.


Maze Hiramu arungika mur’ ayo māto abantu biwe b’ abasoza bamenyereye ivy’ ikiyaga, bafatanya n’abantu ba Salomo;


Ariko har’ ikizinga dukwiye gusukwako.


Bagera uburebure bg’amazi yo hasi, babona ingero mirongwibiri; hashize umwanya muto bongera kugera, babona ingero cumi na zitanu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite