26 Ariko har’ ikizinga dukwiye gusukwako.
26 Ariko rero, hariho izinga rimwe ubu ubwato buzosabirako.”
Tumaze gukira, tumenya ico kizinga yuko citwa Melita.
bamaze kugaterura, bābīra ibitsibo vy’integakiba, babicisha musi y’ubgato, barabuboha: kandi kuko batinya gusukwa ku musenyi ushaya witwa Suriti, bamanura igihuzu kigendesha ubgato, bagenda bartyo bakubebga.
Kandi kuko batinya gusukwa ahantu h’amabuye baterera mu mazi ivyuma bine vyo kuzirika ubgato babicishije mu mutwe w’inyuma; bifuza ko buca.
Ijoro ry’icumi na kane rishitse, dukūbēbga irya n’ino mu kiyaga ca Adiriya; maze nko mu gicugu abagendesha ubgato bakēka ko har’ igihugu bēgereye.