Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 27:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Bamaze igihe kirekire batakirya, Paulo ahagarara hagati muri bo, arababarira, ati Yemwe bagabo, mwāri mukwiye kunyumvira, ntimuve i Kirete, ngo mugire ibi vyago n’ubuhombe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Haheze igihe abantu ata co barya, Pawulo ahagarara imbere yabo aravuga ati: “Bagenzi, mwari mukwiye kunyumviriza, mukareka kuva i Kirete. Gutyo mwari kuba mwirinze aka kaga n’uru ruhombo.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 27:21
8 Referans Kwoze  

Maze Reyubeni arababgira, ati Sinababariye, nti Ntimugire ico mugira uwo mwana, mukanka kunyumvira? ni co gitumye amaraso yiwe aturondererwako.


Tumaze imisi myinshi tugenda buhoro, dushika hafi y’i Kinido bitugoye cane, maz’ umuyaga utubujije duca musi y’i Kirete, imbere y’i Salumone, ngo tuhikinge umuyaga.


Kandi kukw icambu atari ciza co kugumamwo kuhamara urushana, abenshi babagīra inama yo kuvayo, ngo bishobotse bashike i Foyinike, kuba ari ho bamara urushana, hār’ icambu c’i Kirete, cerekeye hagati y’i burārūko n’i burasirazuba, kandi hagati y’i burasirazuba n’i bumanuko.


Maz’ umuyaga uturutse i bumanuko uheheye buhoro, bibgiye ko baronse ico bāgomba, bazitura ubgato, bagenda bakikira hafi cane y’i Kirete.


Kand’ izuba n’inyenyeri bimaze imisi myinshi bitaboneka, turi mu gihuhuta cinshi girtyo, twihebura rwose kw ata wuzokira.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite