Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 27:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Dutambukira mu bgato bgāvuye muri Aduramutiyo, bugira bugende bujabukiranya ahantu ho muri Asiya haherereye ku kiyaga, tuvudukayo turi kumwe na Arisitariko Umunyamakedoniya w’i Tesalonike.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Nuko twurira ubwato bwava muri Aduramutiyo bugaca ku bivuko vyo mu ntara ya Aziya, turagenda. Kandi Arisitariko Umunyamakedoniya w’i Tesalonike twari kumwe.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 27:2
17 Referans Kwoze  

Maz’ igisagara cose kiravurungana, bashwabadukira icarimwe baja ku kibuga c’ibirori, bashika Gayo na Arisitariko Abanyamakedoniya, bāgendana na Paulo.


na Mariko, na Arisitariko, na Dema, na Luka, abo dusangiye igikorwa, baragutasha.


Arisitariko, uwo dusangiye umunyororo, arabatasha; na Mariko, mwene se wabo wa Barunaba, arabatasha, umwe mwabgirizwa ivyiwe: ni yaramuka aje i wanyu muze mumwākīre.


Tumaze gushika Roma, umugabisha w’abasoda ijana ashikiriza imbohe umugabisha w’abasoda bahora bashibama kwa Kayisari: ariko bakundira Paulo kuba ukwiwe, ari kumwe n’umusoda amurinda.


Dufata i Surakusa, tuhamara imisi itatu.


Baduha icubahiro mu buryo bginshi; maze mu gihe co kujabuka kwacu bashira mu bgato ivyo dukennye.


Abanyamahanga badebagura baratubukabuka bitangaje, baducanira umuriro, batwākīra twese, kubg’ imvura n’imbeho vyāriho.


Turangije iyo misi, tuvayo turagenda, bose baduherekezanya n’abagore n’abana, baturenza igisagara, dupfukama ku musenyi, turasenga.


Benshi no mu bakora ivy’ ubupfumu bakoranya ibitabo vyabo vy’ubupfumu, babituririra mu maso ya bose: baharūra igiciro cavyo, basanga gishitse ku ntete z’ifeza ibihumbi mirongwitanu.


Bamaze guca muri Amfipoli no muri Apoloniya, bashika i Tesalonike, hārih’ isinagogi y’Abayuda.


Uyo aradukurikira twebge na Paulo, asemerera, at’ Aba bantu n’abasavyi b’Imana isumba vyose, kandi bababarira inzira y’agakiza.


Tur’ Abapariti, n’Abamedi, n’Abelamiti, n’abamye i Mesopotamiya, n’i Yudaya, n’i Kapadokiya, n’i Ponto, no muri Asiya,


Ku musi umwe mur’ iyo atambukira mu bgato, bo n’abigishwa biwe, arababgira, ati Tujabuke, tuje hakurya y’ikiyaga. Baterera ubgato, bava ku nkombe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite