Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 27:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Maz’ umuyaga uturutse i bumanuko uheheye buhoro, bibgiye ko baronse ico bāgomba, bazitura ubgato, bagenda bakikira hafi cane y’i Kirete.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Akayaga gakeya gaturuka mu bumanuko gahuhuse, baca bibaza ko urugendo ruja kugenda neza. Baca batangura gusoza bagendera hafi y’izinga rya Kirete.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 27:13
10 Referans Kwoze  

Iyo mubonye umuyaga uturutse i bumanuko mugira ngo Haraba indugumba, kandi ni ko biba.


Kanguka, wa muyaga uva i burārūko, nawe uw’ i bumanuko, n’uze; Muhūhe ku murima wanje, kugira ng’ ubutāmirane bgaho bukwire hose. Umukunzi wanje n’aze mu murima wiwe, Arye ivyiza vyiwe vyamye muri wo.


Ihuhutisha mw ijuru umuyaga uturutse i burasirazuba, Irōngōza ububasha bgayo umuyaga uturutse i bumanuko.


Cank’ imyambaro yawe igituma isusuruka, Igihe isi icereje kubg’ umuyaga uva i bumanuko?


Abakirete, n’Abarabo, tukabumva bavuga mu ndimi zacu ibitangaza vy’Imana.


Tuhakikira bitugoye cane, dushika ahantu hitwa Vyambuvyiza, hafi y’igisagara citwa Laseya.


Kandi kukw icambu atari ciza co kugumamwo kuhamara urushana, abenshi babagīra inama yo kuvayo, ngo bishobotse bashike i Foyinike, kuba ari ho bamara urushana, hār’ icambu c’i Kirete, cerekeye hagati y’i burārūko n’i burasirazuba, kandi hagati y’i burasirazuba n’i bumanuko.


Bamaze igihe kirekire batakirya, Paulo ahagarara hagati muri bo, arababarira, ati Yemwe bagabo, mwāri mukwiye kunyumvira, ntimuve i Kirete, ngo mugire ibi vyago n’ubuhombe.


Icatumye ngusiga i Kirete kwar’ ukugira ng’ utunganye ivyasigaye, kandi mu gisagara caho cose ng’ uhashinge abakuru b’ishengero, nk’uko nabikubariye:


Umwe muri bo w’umumenyi wabo yaravuze, ati Na ntaryo Abanyakirete n’ababeshi, n’ibikōko bibi, n’abanebge b’abakunzi b’inda.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite