Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 27:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Kandi kukw icambu atari ciza co kugumamwo kuhamara urushana, abenshi babagīra inama yo kuvayo, ngo bishobotse bashike i Foyinike, kuba ari ho bamara urushana, hār’ icambu c’i Kirete, cerekeye hagati y’i burārūko n’i burasirazuba, kandi hagati y’i burasirazuba n’i bumanuko.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Kubera bitari vyoroshe kumara muri ico kivuko igihe c’imbeho nyinshi cane cari kigiye kuza, benshi mu bari mu bwato bahitamwo ko twobandanya, kugira ngo bishobotse tumare ico gihe i Foyinike. Foyinike cari ikivuko c’i Kirete caraba mu bumanuko bushira uburengero no mu buraruko bushira uburengero.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 27:12
8 Referans Kwoze  

Tuhakikira bitugoye cane, dushika ahantu hitwa Vyambuvyiza, hafi y’igisagara citwa Laseya.


Maze banezerezwa n’uko habaye agacerere, Agaheza akabashikana mu cambu bagomba.


Abakirete, n’Abarabo, tukabumva bavuga mu ndimi zacu ibitangaza vy’Imana.


Tumaze imisi myinshi tugenda buhoro, dushika hafi y’i Kinido bitugoye cane, maz’ umuyaga utubujije duca musi y’i Kirete, imbere y’i Salumone, ngo tuhikinge umuyaga.


Maz’ umuyaga uturutse i bumanuko uheheye buhoro, bibgiye ko baronse ico bāgomba, bazitura ubgato, bagenda bakikira hafi cane y’i Kirete.


Bamaze igihe kirekire batakirya, Paulo ahagarara hagati muri bo, arababarira, ati Yemwe bagabo, mwāri mukwiye kunyumvira, ntimuve i Kirete, ngo mugire ibi vyago n’ubuhombe.


Icatumye ngusiga i Kirete kwar’ ukugira ng’ utunganye ivyasigaye, kandi mu gisagara caho cose ng’ uhashinge abakuru b’ishengero, nk’uko nabikubariye:


Umwe muri bo w’umumenyi wabo yaravuze, ati Na ntaryo Abanyakirete n’ababeshi, n’ibikōko bibi, n’abanebge b’abakunzi b’inda.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite