Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 27:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 arababarira, ati Yemwe bagabo, mbonye yuk’ uru rugendo rugira rubemw’ ivyago n’ubuhombe bginshi, s’ivy’ ubgato n’ibirimwo gusa, ariko n’ivy’ amagara yacu na yo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 “Bagenzi, ndabona ko uru rugendo ruja kubamwo ingorane nyinshi, n’ubuhombe bwinshi ku bwato, ku vyo butwaye, ndetse no ku buzima bwacu.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 27:10
12 Referans Kwoze  

Ereg’ Umwami Uhoraho ntazogira ico akora, atabanje kwibira akabanga abasavyi biwe avugisha.


Ariko jewe ubganje, iryo banga sinarimenyeshejwe n’uko mfise ubgenge kuruta umuntu wese mu bakiriho; ariko n’ukugira ng’ umenyeshwe uko bisobanurwa, utahure n’ivyiyumviro vyo mu mutima wawe, mugenzi.


Ibanga ry’Uhoraho rifiswe n’abamwubaha, Azobereka isezerano ryiwe.


Nuko ndabinginze, ni murābe utwo murya: kukw ari vyo vyobakiza, kandi ntihazohara agashatsi na kamwe ko ku mitwe yanyu.


Kandi k’umugororotsi akizwa agarukiye ku manga, ūtubaha Imana n’umunyavyaha bazoboneka hehe?


Paulo abarira wa mugabisha w’abasoda ijana, hamwe n’abasoda na bo, at’ Aba ni bataguma mu bgato ntimushobora gukira.


Tubonye i Kupuro tuhasiga i bumoso, tuja i Siriya, dufata muri Tiro: kukw ari ho bari bagabiye gukūrira ibintu mu bgato.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite