Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 26:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 N’iki gituma mugira ngo n’ikintu kitoruha cemerwa kw Imana izura abapfuye?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Mbega ni kuki muri mwebwe hari abibaza ko bidashoboka ko Imana izura abapfuye?

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 26:8
14 Referans Kwoze  

bababajwe cane n’uko bigisha abantu, bababarira yuk’ ukuzuka kw’abapfuye kwabonetse kuri Yesu.


azohindura imibiri y’ubufafara bgacu, ishushanywe n’umubiri w’ubgiza bgiwe, nk’ukw afise ubushobozi bumubashisha kwigandurira vyose.


Maz’ arababgira, at’ Ibidashobokera abantu bishobokera Imana.


ariko bāmurega ibihāri vyo mw idini yabo, n’ivy’ umuntu yitwa Yesu, yapfuye, uwo Paulo yavuga ashimitse kw ari muzima.


Maze Paulo amenye yuk’ umuce umwe ar’uw’ Abasadukayo, uwundi ar’uw’ Abafarisayo, ashira ijwi hejuru mu banyekombe, ati Bagabo bene Data, nd’ Umufarisayo, nd’ umwana w’Abafarisayo: ivy’ ivyizigiro vy’ibizoba n’ukuzuka kw’abapfuye ni vyo bimpagaritse mur’ izi manza.


Mbega har’ ikinanira Uhoraho? Igihe gishinzwe, umwaka ugeze ah’ uyu ugeze, nzogaruka i wawe Sara yavyaye umuhungu.


kukw ata jambo rivuye ku Mana ribura ububasha.


Mushire ibirāre, mugororoke, ntimukore ivyaha: kuko bamwe batazi Imana. Mbivugiye kubatētereza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite