Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 26:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 ivyo imiryango yacu cumi n’ibiri yizigira kuzobona, ikorera Imana ishizek’ umwete mwinshi ku murango no mw ijoro. Kandi ni kubg’ ivyo vyizigiro ndezwe n’Abayuda, mugenzi!

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Ivyo ni vyo imiryango yacu cumi n’ibiri yiteze kubona bishika; ni co gituma bakorera Imana n’umwete mwinshi ijoro n’umurango. Kandi ga mwami, ivyo vyizigiro nyene ni vyo bituma Abayuda banshengeza.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 26:7
19 Referans Kwoze  

Yakobo, umugurano w’Imana n’uw’ Umwami Yesu Kristo, ndabandikiye abo mu miryango cumi n’ibiri y’abāsābagiye: muganuke.


Umupfakazi w’inyakamwe asigaye ar’ umwe, yizigira Imana, agashishikara kwinginga no gusenga ku murango no mw ijoro.


Dusenga cane ijoro n’umurango kugira ngo twibonanire namwe imbonankubone, tunonosore ivyasigaye ku kwizera kwanyu.


ngo kumbure nshike ku kuzuka kw’abapfuye.


ngo muze murīre, munywere ku meza yanje mu bgami bganje: kandi muzokwicara ku ntebe z’icubahiro, mucire imanza imiryango y’Abisirayeli, ukw ar’icumi n’ibiri.


Yesu arababgira, ati Ndababgira ukuri yuko mwebge abankurikiye, ah’ Umwana w’umuntu azovyagirira ku ntebe y’ubgiza bgiwe, igihe co kuvyarwa ukundi gusha, namwe muzokwicara ku ntebe cumi na zibiri, mucire imanza imiryango cumi n’ibiri y’Abisirayeli.


Ico gihe co kuyishikiriza Imana, bātanze amamasa ijana n’amapfizi y’intama amajana abiri n’imyagazi y’intama amajana ane, kandi batangirira Abisirayeli bose amasuguru y’ impene cumi n’abiri, nk’ukw igitigiri c’imiryango y’Abisirayeli kingana, kw ikimazi gitangirwa ivyaha.


at’ Ivyo narezwe n’Abayuda vyose, mwami Agiripa, numva nnezerewe kw ari wewe ngira mvyiregureko uyu musi:


Nuko mwame mugavye, mwibuke yuko namaze imyaka itatu ntasība guhanūra umuntu wese ndira, ku murango no mw ijoro.


Kandi muri Yerusalemu hār’ umuntu yitwa Simeyoni; uyo yar’ umuntu agororotse kandi yubaha Imana, yar’ arorereye uguhumurizwa kw’Abisirayeli, Mpwemu Yera yari kuri we.


Mwebge abahagarara mu ngoro y’Uhoraho, Mu nyubakwa z’ingoro y’ Imana yacu.


Maz’ abāgarutse bavuye mu kinyago bosereza Imana y’Abisirayeli ibimazi; batanga amamasa cumi n’abiri kw ikimazi c’Abisirayeli bose, n’amapfizi y’ intama mirongwicenda n’atandatu, n’imyagazi y’intama mirongwirindwi n’indwi; batanga n’amasuguru y’impene cumi n’abiri kw ikimazi gitangirwa ivyaha; ivyo vyose vyabaye ikimazi coserezwa Uhoraho.


mfise ivyizigiro ku Mana bimwe n’ivyo aba na bo biteze, yuko hazoba ukuzuka kw’abagororotsi n’abagabitanya.


kandi cane‐cane kuk’ uzi imigenzo n’impāri vyo mu Bayuda vyose: ni co gitumye nkwinginga ngo wihangane, unyumvirize.


Ivyo ni vyo nabatumiyeko ngo tuvugane tubonāna: kukw ivyo Abisirayeli bizigira kuzobona ari vyo vyatumye mboheshwa uyu munyororo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite