Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 26:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 None mpagaze ngo ncirwe urubanza, kuko nizigira kuzobona ivy’ Imana yasezeraniye ba sogokuruza:

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 None igitumye mpagaze imbere y’ubucamanza uwu musi n’uko nizigiye ivyo Imana yasezeraniye ba sogokuruza.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 26:6
59 Referans Kwoze  

mfise ivyizigiro ku Mana bimwe n’ivyo aba na bo biteze, yuko hazoba ukuzuka kw’abagororotsi n’abagabitanya.


twitega ivyizigiro vy’amahirwe no kuzoseruka kw’ubgiza bga Yesu Kristo, ni we Mana yacu ihambaye n’Umukiza,


Ivyo ni vyo nabatumiyeko ngo tuvugane tubonāna: kukw ivyo Abisirayeli bizigira kuzobona ari vyo vyatumye mboheshwa uyu munyororo.


Ico mvuga n’uko Kristo yacitse umukozi w’abākebge wo kubagaburira ivy’ Imana, kubg’ ukuri kwayo, kugira ngw ashitse ivyo ba sogokuruza bāsezeraniwe,


Maze Paulo amenye yuk’ umuce umwe ar’uw’ Abasadukayo, uwundi ar’uw’ Abafarisayo, ashira ijwi hejuru mu banyekombe, ati Bagabo bene Data, nd’ Umufarisayo, nd’ umwana w’Abafarisayo: ivy’ ivyizigiro vy’ibizoba n’ukuzuka kw’abapfuye ni vyo bimpagaritse mur’ izi manza.


Ikangure, wa nkota we, urwanye umwungere wanje, urwanye umuntu mugenzanje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize; kubita umwungere, intama zisanzare; kandi n’imyagazi nzoyihindurirak’ ukuboko kwanje.


Ariko wewe, Betelehemu Efurata, nah’ ur’ inkehwa mu bihumbi vy’i Buyuda, muri wewe hazomviramw’ ūzoba segaba mu Bisirayeli; amamo yiwe yahereye kera hose, ibihe n’ibindi.


Uhoraho Imana yanyu azobahagurukiriza ūvugishwa na we ameze nkanje, ava muri mwebge, mu b’i wanyu: az’ abe ari we mwumvira.


nzogwiza uruvyaro rwawe, rungane n’inyenyeri zo kw ijuru, kand’ uruvyaro rwawe nzoruha ibi bihugu vyose; kandi mu ruvyaro rwawe ni ho amahanga yose yo mw isi azohērwa umugisha;


kandi mu ruvyaro rwawe ni ho amahanga yose yo mw isi azohērwa umugisha, kuko wanyumviye.


Abazoguhezagira nzobahezagira, kand’ ūzokuvuma nzomuvuma: kandi muri wewe ni ho imiryango yose yo mw isi izohērwa umugisha.


Maz’ igihe gikwiye gishitse, Imana ituma Umwana wayo, yavyawe n’umugore, kandi yavutse aganzwa n’ivyagezwe,


N’iki gituma mugira ngo n’ikintu kitoruha cemerwa kw Imana izura abapfuye?


shiti ryoba rya jambo rimwe navuze n’ijwi rirenga mpagaze muri bo, nt’ Ukuzuka kw’ abapfuye ni kwo kumpagaritse mur’ izi manza imbere yanyu uyu musi.


Mber’ abāvugishwa n’Imana bose, uhereye kuri Samweli n’abāmukurikiye, abāvuze bose bāramenyekanishije ivy’ iyi misi.


Ariko mweho abubaha izina ryanje izuba ry’ubugororotsi rizobarasira, rifise ugukiza mu mababa yaryo. Maze muzosohoka mukina amatavu nk’inyana zivuye mu ruhongore.


Umve ngira ntume integuza yanje, indoranirize inzira imbere yanje: kand’ Umwami murondera azoshika giturumbuka mu rusengero rwiwe, ari we ntumwa y’isezerano munezererwa, eh’ araje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Kur’ uwo musi ab’inzu ya Dawidi n’ababa i Yerusalemu bazotoborerwa imbizi yo kubōza ivyaha n’ibihumane.


Nezerwa cane, wa mukobga w’i Siyoni we! Sēsereza impundu, wa mukobga w’i Yerusalemu we! Rāba, umwami wawe aje kuri wewe, n’umugororotsi, kand’ ari n’inganji; yicishije bugufi, agendera ku ndogoba, mbere ni ku mukangara, inyana y’indogoba.


umubarire, ut’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Eh’ umuntu yitwa Shami, azoshamika ahantu hiwe, kand’ azokwubaka urusengero rw’Uhoraho.


Ukuri kwawe uzogushitsa kuri Yakobo, n’ikigongwe kuri Aburahamu, ari vyo nyene warahiye ba sogokuruza uhereye mu bihe vya kera.


Kand’ abatabazi bazodūga ku musozi Siyoni, ngo bacire urubanza umusozi wa Esau; kand’ ubgami buzoba ubg’ Uhoraho.


Kand’ umuntu wese azokwambaza izina ry’Uhoraho azokizwa: kuko ku musozi Siyoni n’i Yerusalemu hazoba agakiza, nk’uk’ Uhoraho yavuze, kandi mu masigarira hazobamw’ abo Uhoraho azoba ahamagaye.


maz’ amaherezo Abisirayeli bazogaruka, barondere Uhoraho Imana yabo, na Dawidi umwami wabo; bazoba mu gatengo baje k’Uhoraho no ku migisha yiwe mu misi y’iherezo.


Kand’ umusavyi wanje Dawidi azoba umwami wabo, bose bazogira umwungere umwe; kandi bazogendera mu vyagezwe vyanje, bitondere amabgirizwa yanje, bayashitse.


Amatongo, amatongo, nzobigira amatongo masa: kandi ni ko bizokwama, gushitsa igihe nyenevyo azozira; nanje nzobimuha.


Ni co gitumye Uhoraho ubgiwe ari we agira abīhēre ikimenyamenya: Rāba, inkumi izosama inda, ivyare umwana w’umuhungu, izomwita Imanuweli.


Uwo musi ishami ry’Uhoraho rizoba ryiza rifise icubahiro; ivyo igihugu kizokwama bizoryohera abazoba barokotse bo mu Bisirayeli, bavyirate.


Ni ho nzotuma ihembe rya Dawidi rimera, Uwo narobanuje amavuta nkamutegurira itara.


Uhoraho yarahiye Dawidi indahiro y’ukuri, Ntazokwirahuruza: Ati Nzoshira ku ngoma yawe uwamutse mu bura bgawe.


Uhoraho yamenyekanishije agakiza kiwe: Ukugororoka kwiwe yakugaragaje ahabona mu maso y’amahanga.


Icumu ry’ubugabe ntirizova kuri Yuda, Inkoni yo kuganza ntizova hagati y’ibirenge vyiwe, Nyene vyo ataraza: Uwo ni we amahanga azokwumvira.


Nzoshira inyankane hagati yawe n’uyu mugore, no hagati y’uruvyaro rwawe n’urwiwe: ruzogukomeretsa umutwe, nawe uzorukomeretsa igitsintsiri.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite