Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 26:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Kandi bokwemera kubishingira intahe, baranzi, uhereye mbere na mbere, yuko nar’ Umufarisayo wo mu muce urusha iyindi yo mw idini yacu gushimikira imigenzo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Baranzi neza kuva kera, kandi bashatse bobishingira intahe ko nabayeho nk’umwe mu Bafarisayo, umuce urusha iyindi mu gushimikira ku migenzo mw’idini ryacu.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 26:5
7 Referans Kwoze  

Maze Paulo amenye yuk’ umuce umwe ar’uw’ Abasadukayo, uwundi ar’uw’ Abafarisayo, ashira ijwi hejuru mu banyekombe, ati Bagabo bene Data, nd’ Umufarisayo, nd’ umwana w’Abafarisayo: ivy’ ivyizigiro vy’ibizoba n’ukuzuka kw’abapfuye ni vyo bimpagaritse mur’ izi manza.


ati Nd’ Umuyuda, navukiye i Taruso h’i Kilikiya, ariko nakuriye mur’ iki gisagara, nigishirizwa imbere y’ibirenge vya Gamaliyeli nk’uk’ uruhande rugoye rw’ivyagezwe vya ba sogokuruza ruri, ngira ishaka ry’Imana, nk’uko namwe mwese murifise uyu musi.


Twabonye uyu muntu ar’ ikīza, atera umugararizo Abayuda bose bari mu bihugu vyose; ni we remezo ry’igice c’Abanazareti.


Kandi n’umuherezi mukuru na we aranshingira intahe y’ivyo, bo n’abanyekombe bose. Ni bo bāmpaye ivyete vyandikiwe bene Data b’i Damasiko, ikinjanyeyo ar’ ukuzana i Yerusalemu abaho na bo bari mu ngoyi, ngo bishure.


Arikw iki ni co nkwemerera: n’uk’ ukw iyo Nzira iri, iyo abo bita igice, ari ko nkorera Imana ya ba sogokuruza bacu, nemera vyose bifatanije n’ivyagezwe kandi vyanditswe mu vy’abāvugishwa n’Imana;


Maze hava hasi bamwe bo mu muce w’Abafarisayo bizeye, baravuga, bat’ Abanyamahanga birakwiye ko bakebga, no kubabgiriza kwitondera ivyagezwe vya Mose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite