Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 26:31 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

31 maze basohotse baravugana, bati Nta co uyu muntu yakoze gikwiye kumwicisha canke kumubohesha.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

31 Bavuye muri iyo sentare, bagenda baraganira, bavuga bati: “Uwu muntu nta co yakoze cotuma yicwa canke ngo ashirwe mw’ibohero.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 26:31
10 Referans Kwoze  

Mbona yuko bamurega amajambo y’ivyagezwe vyabo, ariko kw ata co yarezwe gikwiye kumwicisha canke kumubohesha.


Habah’ urwamo rwinshi; bamwe mu banyabgenge b’ivyanditswe bo mu muce w’Abafarisayo bava hasi barahārīra, bati Nta kibi twabonye kur’ uyu muntu. Kumbure impwemu cank’ umumarayika yoba yavuganye na we.


Na bo bamaze kuncunaguza, bashaka kundekura, kukw ata nyanduruko yambonetseko yo kunyicisha.


mufise imitima itarimw’ ijwi ribāgiriza ikibi, kugira ngo no ku vyo muvugwa nabi, abatuka ingeso zanyu nziza zo muri Kristo bamāramāre.


Ariko nsanga ntiyakoze igikwiye kumwicisha, kand’ ubgiwe agomvye kwitwara kuri Augusito, ngabira kumumurungikira.


Pilato abgira abaherezi bakuru n’ishengero, ati Nta caha mbona kur’ uyu muntu.


Dawidi abonye uwo mumarayika yageseza abantu, abarira Uhoraho, at’ Erega ni jewe nacumuye, ni jewe nakoze nabi; arikw izi ntama zo zakoze iki? Ndakwinginze, ukuboko kwawe abe ari jewe kurwanya, bo n’inzu ya data.


Maz’ abaganwa n’abantu bose babarira abaherezi n’abo ba kamenyi, bat’ Uyu muntu ntakwiye gupfa, kukw atubariye mw izina ry’Uhoraho Imana yacu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite