Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 26:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 kandi cane‐cane kuk’ uzi imigenzo n’impāri vyo mu Bayuda vyose: ni co gitumye nkwinginga ngo wihangane, unyumvirize.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 na canecane ko wewe usanzwe uzi neza imigenzo y’Abayuda n’impari zabo. None rero ndakwinginze unyumvirize wihanganye.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 26:3
13 Referans Kwoze  

kuko twumvise avuga, ati Yesu Umunyanazareti azokombora aha hantu, kandi ngw azohindura imigenzo twahawe na Mose.


Umwami arazi ivyo neza, kandi ndamubarira nshize amanga; kuko nzi yukw ata na kimwe mur’ ivyo ahishijwe, kukw ivyo bitākorewe mu mfuruka.


Kandi naho nogira ingabire yo kuvugishwa n’Imana, nkamenya amabanga yose, n’ubgenge bgose, kandi naho nogira ukwizera kwose, ngashobora gukūrah’ imisozi, ariko ntagira urukundo, noba nd’ ubusa.


Imisi itatu ishize ahamagara abakuru bo mu Bayuda abakoraniriza hamwe; bamaze gukorana, arababarira, ati Bagabo bene Data, naho ntāgize ikibi nakoze ku bgoko bgacu canke ku migenzo ya ba sogokuruza, bāmpaye Abaroma nd’imbohe, bamvanye i Yerusalemu.


ivyo imiryango yacu cumi n’ibiri yizigira kuzobona, ikorera Imana ishizek’ umwete mwinshi ku murango no mw ijoro. Kandi ni kubg’ ivyo vyizigiro ndezwe n’Abayuda, mugenzi!


None mbuze ijambo rimenyekanisha ivyiwe ryo kwandikira umwami wanje, ni co gitumye ndamuzana imbere yanyu, kandi cane‐cane imbere yawe, mwami Agiripa, kugira ngo ni twamara kumusiguza, mbone ico kwandika.


Icēgēra ca Kayisari kimaze kumukebura ngw avuge, Paulo aramwishura, ati Ndazi k’umaze imyaka myinshi ur’ umucamanza w’ubu bgoko, ni co gitumye niregura ivyanje ndemye;


Reka noye guhava nkurambira, ndakwinginze zirikana tuvuge amajambo make, kubg’ ubugwaneza bgawe.


Kandi bābariwe ivyawe, yuko wigisha Abayuda bose bari mu banyamahanga guheba ivya Mose, ukavuga ngo ntibakwiye gukeba abana babo canke kugendera mu migenzo yacu.


Maze ni yamara kuja ku ngoma, aze yiyandikishirize ibi vyagezwe mu gitabo, abikūye mu gitabo gifiswe n’abaherezi ari bo Balewi.


at’ Ivyo narezwe n’Abayuda vyose, mwami Agiripa, numva nnezerewe kw ari wewe ngira mvyiregureko uyu musi:


Nuko nābīra ico cete c’uko tuguze, ikidomwekw ikimenyetso nk’ukw ivyagezwe n’imigenzo biri, bo n’ikindi kitamatanijwe,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite