Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 26:28 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

28 Agiripa yishura Paulo, at’ Unkwegesha ivyo bike ng’ umpindure Umukristo?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

28 Agiripa aca abaza Pawulo ati: “Wibaza ko mu kanya gato nk’aka woshobora kuntahuza nkaba Umukristo?”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 26:28
11 Referans Kwoze  

amubonye, amujana muri Antiyokiya. Bamaray’ umwaka wose, bakorana n’ishengero, bigisha abantu benshi, kandi muri Antiyokiya ni ho abigishwa bātanguriye kwitwa Abakristo.


Bazobajana imbere y’abaganza n’abami babampōra, muzoba ikimenyetso kibabere icabona, bo n’abanyamahanga.


Ariko ni hāgira ūhōrwa kuba Umukristo, yoye kumāramāra, arikw aheshe Imana icubahiro kubg’ iryo zina.


Twanse ibiteye isoni bikorerwa mu mpisho, ntitugenda mu bugunge, ntidufudika ijambo ry’Imana, ariko kwerekana ukuri ni kwo twishimagirisha mu nyonga z’Imana ku mutima w’umuntu wese.


Paulo, ati Ndasaba Imana ari bike ari vyinshi, yukw atoba wewe wenyene, ariko n’abanyumva uyu musi mwese, ko vyobahindura nkanje, ukūye iyi minyororo.


Akirikw aravuga ivy’ ukugororoka n’ivy’ ukwirinda n’ivy’ amateka azocibga, Feliki aranduka umutima, aramubarira, at’ Ubu ni wīgīre, ni naronka uburyo bgiza nzogutumako.


Maze baza kuri wewe nk’ ukw abantu basanzwe baza, bakicara imbere yawe nk’ah’ ar’ abantu banje, bakumviriza amajambo yawe, ariko ntibayakore: kuko berekanisha akanwa kabo urukundo rwinshi, yamar’ imitima yabo ikurikira ukwiyungukira kwabo.


kuko Herode yatinya Yohana, amuzi kw agororotse kand’ ar’ umuntu yera, aramurinda: iy’ amwumvise hose, ivyiwe vyaramuzazanira, yamara yanezererwa kumwumva.


Mwami Agiripa, uremeye ivy’ abāvugishwa n’Imana? Ndazi yuk’ uvyemeye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite