Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 26:24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Aciregura artyo, Fesito avuga n’ijwi rirenga, at’ Erega Paulo urasaze; ubgenge bgawe bginshi buragushajije.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 Ageze aho, Fesito aca amuciramwo asemerera ati: “Erega Pawulo wasaze! Ivyigwa vyinshi wize vyaragusarishije.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 26:24
19 Referans Kwoze  

ariko tweho tubabarira ivya Kristo yabambge: uyo ku Bayuda n’ikigwisha, ku banyamahanga n’ubupfu:


Namba dusaze, dusaze ivy’ Imana; namba dufise ubgenge, ni mwebge dukorera.


Twebge tur’ ibipfu kubga Kristo; mweho mur’ abanyabgenge muri Kristo: tur’ abanyantege nke, mur’ abanyabushobozi: mur’ abanyacubahiro, tur’ inkēngērwa.


Ab’i wabo bavyumvise barasohoka ngo baje kumufata, kuko bāgira ngo Yasaze.


No mu masinagogi yose nābahana kenshi, nkagerageza cane kubatukisha Yesu; kandi kuko nasazwa cane mbazira, narabatuza no gushitsa mu bisagara vy’abanyamahanga.


ukavuga, ut’ Uhoraho ko yaguhinduye umuherezi mu gishingo c’umuherezi Yehoyada, namwe kugira ngo mube ababgiriza mu ngoro y’Uhoraho, ngo mubuze umuntu wese w’ umusazi yīgira ūvugishwa n’Imana, ngo mumushire mu mpatane z’ibiti no mu minyororo;


Maze Yehu arasohoka, aza aho ba bantu ba shebuja bari; umwe aramubaza, ati Mbega n’ amahoro? Uwo mugabo w’umusazi yakuronderakw iki? Arabishura, at’ Ereg’ uwo muntu ni mwebge mumuzi, n’amajambo yiwe murayazi.


Maze bumvise ivy’ ukuzuka mu bapfuye, bamwe barishinyira, abandi bati Tuzoba turumva ukundi ivy’ utubarira kur’ ivyo.


Imisi yo kuzirwa kwabo irashitse, imisi yo gusubirizwa mu nkōko irashitse; Abisirayeli bazobimenya; ūvugishwa n’Imana yabaye igipfu, ūvugishwa na Mpwemu yāsaze, basarishijwe n’isinzi ry’ibigabitanyo vyawe, n’uk’ ubgansi ari bginshi.


Akirikw aravuga ivy’ ukugororoka n’ivy’ ukwirinda n’ivy’ amateka azocibga, Feliki aranduka umutima, aramubarira, at’ Ubu ni wīgīre, ni naronka uburyo bgiza nzogutumako.


Ati Yemwe bagabo bene Data kandi ba data, ni mwumvirize ivyo nireguza muri mwebge.


Abayuda baramubgira, bati Noneho turamenye k’urimwo dayimoni. Aburahamu yarapfuye, n’abāvugishwa n’Imana n’uko, ariko wewe uvuze, uti Ni hagira uwitondera ijambo ryanje, nta ho azokwumviriza ku rupfu.


Abayuda baramwishura, bati None se ntitwavuze ukuri k’ur’ Umusamariya, kandi k’urimwo dayimoni?


Abayuda baratangara, bati Mbeg’ uyu yakūye ubgenge hehe, atigishijwe?


Imyaka ibiri ishize, Porukiyo Fesito akūra Feliki. Maze Feliki agomvye kwikundisha Abayuda asiga Paulo akiboshwe.


kand’ uzi yuk’ uhereye mu buto bgawe wamye uzi ivyanditswe vyera bishobora kukumenyesha ubgenge bgo kukuzanira agakiza gaheshwa no kwizera Kristo Yesu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite