Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 26:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 None nabonye gutabarwa kwavuye ku Mana, ndacahagaze kugeza n’ubu, nshingira intahe aboroshe n’abahambaye, nta kindi mvuga atar’ ivy’ abāvugishwa n’Imana na Mose bāvuze ko bizoba,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Ariko Imana yagumye indinda gushika uwu musi. None mpagaze ngaha nshingira intahe abakuru n’abato. Nta co ndiko ndavuga kirengeye ivyo abavugishwa n’Imana na Mose bavuze ko bizoshika,

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 26:22
42 Referans Kwoze  

Arikw iki ni co nkwemerera: n’uk’ ukw iyo Nzira iri, iyo abo bita igice, ari ko nkorera Imana ya ba sogokuruza bacu, nemera vyose bifatanije n’ivyagezwe kandi vyanditswe mu vy’abāvugishwa n’Imana;


Iyo mwizera Mose, nanje muba munyizeye, kukw ar’ ivyanje yanditse.


Abāvugishwa n’Imana bose bāmushingiye intahe, bavuga yuk’ ūmwizera wese azoharirwa ivyaha kubg’ izina ryiwe.


Arababgira, at’ Aya n’amajambo yanje nababgira nkiri kumwe namwe, y’ingen’ ivyanditswe kuri jewe vyose mu vyagezwe vya Mose no mu majambo y’abāvugishwa n’Imana no muri Zaburi bikwiye gushika.


Atangurira kuri Mose no ku bāvugishwa n’Imana bose, abasobanurira mu vyanditswe vyose ivyanditswe kuri we.


Baririmba indirimbo ya Mose umusavyi w’Imana, n’indirimbo ya wa Mwagazi, bat’ Ibikorwa vyawe birahambaye kandi biratangaza, Mwami Mana ushobora vyose; inzira zawe n’iz’ ukugororoka n’ukuri, Mukama w’amahanga.


Ariko noneh’ ivyagezwe bitariho, ukugororoka kuva ku Mana kurahishuwe, gushingirwa intahe n’ivyagezwe n’ivy’ abāvugishwa n’Imana,


Maze Samweli yābīra ibuye, arishinga hagati y’i Misipa n’i Sheni, aryita Ebenezeri, ati Kugeza n’ubu Uhoraho aradutabaye.


Basezerana na we umusi, baza iy’ ari ari benshi, mu nzu bamuhaye, arabibasobanurira, ashingira intahe ivy’ ubgami bg’Imana, abemeza ivya Yesu, abikuye mu vyagezwe vya Mose no mu vy’ abāvugishwa n’Imana, ahēra mu gitondo ashitsa ku mugoroba.


ndagukize abo mur’ ubu bgoko bo n’abanyamahanga, ni bo ngutumyeko,


None mpagaze ngo ncirwe urubanza, kuko nizigira kuzobona ivy’ Imana yasezeraniye ba sogokuruza:


Mwebge murasesa mu vyanditswe, kuko mugira ngo muri vyo ni ho mufise ubugingo budashira, kand’ ari vyo binshingira intahe,


Filipo abona Natanayeli, aramubgira, at, Uwo Mose yanditse mu vyagezwe, n’abāvugishwa n’Imana bakamwandika, twamubonye, ni Yesu w’i Nazareti, mwene Yosefu.


Kukw ivyagezwe vyazanywe na Mose, ubuntu n’ukuri vyazanywe na Yesu Kristo.


Arababgira, ati Ni ko vyanditswe yuko Kristo akwiye kubabazwa no kuzuka mu bāpfuye ku musi ugira gatatu,


Ugutabarwa kwacu kubonerwa mw izina ry’Uhoraho Yaremye ijuru n’isi.


Wahaye abantu kuduhonyangisha ku gakanu amafarasi bagenderako, Twaciye mu muriro no mu mazi; Maz’ udukūramwo, udushira ahantu hatūritse.


Ni yo Mana impōra, Ikangandūrira amahanga nkayaganza.


Maze ku musi ugira icumi na kabiri w’ukwezi kwa mbere turahaguruka tuva kur’ urwo ruzi Ahava, ngo tuje i Yerusalemu; ikiganza c’Imana yacu kiba kuri twebge, iradukiza ngo ntitugwe mu maboko y’abansi n’abaturyamiye mu mayira.


Mbona abapfuye, abahambaye n’aboroshe, bahagaze imbere y’iyo ntebe; ibitabo birazingururwa. Kand’ ikindi gitabo kirazingururwa, ni co gitabo c’ubugingo. Abapfuye bacirwa imanza z’ivyanditswe mur’ ivyo bitabo, zikwiranye n’ivyo bakoze.


Kand’ amahanga araraka, uburake bgawe buraza, igihe co guciramw’ amateka abapfuye kirashika, n’ico kugereramw’ abasavyi bawe, ni bo bavugishwa nawe, no kugerera abera n’abubaha izina ryawe, aboroshe n’abahambaye, n’ico guhonerezamw’ abahonnya isi.


no guhamwa, n’imibabaro, nk’ivyambereyeko muri Antiyokiya no muri Ikoniyo n’i Lusitira; ivyo nihanganiye vyose mpamwa, kandi vyose Umwami wacu arabinkiza.


Umwana w’umuntu agira agende, uko vyanditswe kuri we; arik’ uwo muntu agura Umwana w’umuntu azobona ibara: uwo muntu ivyomubereye vyiza iyaba atāvutse.


kuko mfise bene mama batanu; ababgire uko bimeze, ngo na bo ntibaze baze hano hantu ho kubabarizwa.


Bamaze gushitsa ivyo yandikiwe vyose, bamumanura ku giti, bamushira mu mva.


Kuko nabanje kubashikiriza ico nanje nahawe, yuko Kristo yapfiriye ivyaha vyacu, nk’ukw ivyanditswe bivuga,


agahambga, akazuka ku musi ugira gatatu, nk’ukw ivyanditswe bivuga;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite