Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 26:20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Ariko nabanje kubgira ab’i Damasiko hanyuma ab’i Yerusalemu, n’abo mu gihugu cose c’i Yudaya, n’abanyamahanga na bo, yuko bakwiye kwihana, no guhindukirira Imana, bakore ibikorwa bikwiranye n’ukwihana.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Nahereye ku b’i Damasiko, hanyuma nja mu b’i Yerusalemu n’i Yudaya hose, ntibagiye no mu Banyamahanga, nigisha ko bakwiye kwihana bakagaruka ku Mana, kandi bagakora ibikorwa bikwiranye n’ukwihana kwabo.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 26:20
56 Referans Kwoze  

Nuko mwihane, muhindukire, ivyaha vyanyu bihanagurwe, ibihe vyo guhēmbūka bibone ingene biza, bivuye mu nyonga z’Umwami Imana,


Nuko mwame imbuto zikwiranye n’ukwihana.


Petero arabishura, ati Ni mwihane, umuntu wese muri mwebge abatizwe mw izina rya Yesu Kristo, mubone guharirwa ivyaha vyanyu, kandi muzohabga ingabire, ari yo Mpwemu Yera.


Nuko ni wibuke aho wavuye ukagwa; wihane, ukore ibikorwa nk’ivya mbere. N’utagira urtyo, nzoza kuri wewe nkūre igiterekwakw itara cawe ahantu haco, shiti wihannye.


Mugende mwige iri jambo, muritahure, ngw Imbabazi ni zo ngomba, s’ibimazi: kuko ntaje guhamagara abagororotsi, atar’ abanyavyaha.


Ni wibuke rero ingene wākiriye kandi wumvise: uvyitondere, wihane. Nuko rero n’utaba maso, nzoza nk’igisuma, nawe ntuzomenya igihe nzokwūbīra.


Ni co gituma mvuga ibi, nkabishingira intahe mu Mwami wacu, ngo ntimube mukigenda nk’ukw abanyamahanga bagenda, bagendera mu bitagira ikimazi vyo mu bgenge bgabo,


Umubabaro wo mu buryo bg’Imana utera ukwihana kuticuzwa, kuzana agakiza: arik’ umubabaro wo mu buryo bg’isi utera urupfu.


Kuko bose bīvugira ubgabo inkuru z’ingene twaje muri mwebge, kand’ ingene mwahindukiriye Imana, mugaheba ibigirwamana, ngo mukorere Imana nyakuri kandi nzima,


yamara, iy’ umuntu ahindukiriye Umwami, ico citwikiro gica gikūrwaho.


Cank’ ukēngēra itunga ryo kugira neza kwayo n’iry’ imbabazi zayo n’iry’ ukwihangana kwayo? Ntuzi yuko kugira neza kw’Imana kugushikana ku kwihana?


ndagukize abo mur’ ubu bgoko bo n’abanyamahanga, ni bo ngutumyeko,


Nashinze intahe mu Bayuda no mu Bagiriki y’ukwihana mu nyonga z’Imana, n’ukwizera Umwami wacu Yesu Kristo.


Nukw iyo misi y’ubutamenya, Imana yarayīrengagije, ariko noneho, igera kw abantu bose bari hose bihana,


Nuko rer’ inama yanje n’uko tureka kugora abo mu banyamahanga bahindukirira Imana,


Bumvise ivyo barīhorera, bahimbaza Imana, bati Noneho rer’ Imana ihaye n’abanyamahanga kwihana ngo baronke ubugingo.


Ababa i Luda n’i Saroni bose bamubonye bahindukirira Umwami Yesu.


Umwami aramwishura, ati Pfa kugenda, kuk’ uwo muntu ar’ ikintu nītoranirije, ngw ajane izina ryanje imbere y’abanyamahanga n’abami n’Abisirayeli:


Ndababgire, Uko ni ko haba umunezero imbere y’abamarayika b’Imana kubg’ umunyavyaha umwe yihannye.


Ndababgira yuko mw ijuru bazonezererwa bartyo umunyavyaha umwe yihannye, bakamurutisha abagororotsi mirongwicenda n’icenda batarinda kwihana.


Ndababgire, Si ko biri; ariko ni mutihana, namwe muzohona murtyo mwese.


Ndababgire, Si ko biri; ariko ni mutihana, namwe muzohona murtyo mwese.


kand’ azosanganya benshi bo mu Bisirayeli n’Umwami Imana yabo.


Baragenda, bigisha kw abantu bakwiye kwihana.


Guhera ubgo, Yesu atangura kwigisha, ati Mwihane, kuk’ ubgami bgo mw ijuru buri hafi.


ati Mwihane, kuk’ ubgami bgo mw ijuru buri hafi.


Mujane amajambo yo kwisaba mugaruke k’Uhoraho; mumwinginge, muti N’uduharire ibigabitanyo vyose, uduhangaze: muti Mu gishingo c’amapfizi tuzogushikanira ibimazi vy’iminwa yacu.


Nuko rero, hindukirira Imana yawe: gumya imbabazi n’ibiroranye, kandi wame urorēra Imana yawe udahengeshanya.


kand’ uburibge bgabo n’ibisebe vyabo bituma barogota ku Mana Nyen’ ijuru, kandi ntibihana ngo bareke ibikorwa vyabo.


Kandi namuhaye uburyo bgo kwihana, ntiyakunda kwihana ngw areke ubushakanyi bgiwe.


Enda ni dusesangure ingeso zacu, tuzisuzume, tugaruke k’Uhoraho.


umunyavyaha n’areke inzira yiwe, ūgabitanya areke ivyiyumviro vyiwe: agaruke k’Uhoraho, na we aramugirira ikigongwe, agaruke ku Mana yacu, kukw ikunda guharira.


Abo ku mpera zose z’isi bazokwibuka bahindukirire Uhoraho, Amoko yose yo mu mahanga azosengera imbere yawe.


Nuko rer’ ubarire abagabo b’i Buyuda n’ababa i Yerusalemu, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Ehe mbagereye ikibi, nīgīriye imigabo y’ivyo nzobagirira: enda ni mugaruke, umuntu wese ave mu nzira yiwe mbi, mutunganye inzira zanyu n’ ingeso zanyu.


Kandi nabatumyekw abasavyi banje bose abo navugisha, nama nzindurwa no kubatuma, nt’ Enda ni mugaruke, umuntu wese ave mu nzira yiwe mbi, mutunganye ibikorwa vyanyu, mwoye gukurikira izindi mana ngo muzigendanire; nti Ni ho muzobona kwibera mu gihugu nabahaye, mwe na ba sogokuruza: ariko ntimwateze ugutwi, canke ngo munyumvire.


Nuko, mwami Agiripa, sinanka kwumvira ivyo neretswe vyavuye mw ijuru.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite