Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 26:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 kubahumūra amaso kugira ngo bahindukire bave mu mwiza baje mu muco, bave no mu bubasha bga Satani baje ku Mana, bateko baharirwe ivyaha vyabo, baraganwe n’abejejwe n’ukunyizera.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 kugira ngo ubugurure amaso, bave mu mwijima baje mu muco, ubakure mu bubasha bwa Satani ubazane ku Mana, baharirwe ivyaha vyabo, maze bahabwe ikibanza mu bejejwe babihawe no kunyizera.’

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 26:18
90 Referans Kwoze  

Ariko mweho mur’ ubgoko bgātoranijwe, mukoranije kuba abami n’abaherezi, mur’ ihanga ryera, abantu bāshiriweho kuba inyegu yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ry’Iyabahamagaye, ikabakūra mu mwiza, ikabashitsa mu muco wayo utangaje:


ngw amaso y’imitima yanyu yihweze, kugira ngo mumenye ivyo mwizigizwa n’uguhamagara kwayo ivy’ ari vyo, mumenye n’itunga ry’ubgiza bg’ishamvu ifise mu bera,


kuko kera mwar’ umwiza, none mukaba mur’ umuco mu Mwami wacu: mugende nk’abana b’umuco,


Kandi none mbaragije Imana n’ijambo ry’ubuntu bgayo, rishobora kububaka no kubahēra ibiragwa hamwe n’abejejwe bose.


Imana, imwe yavuze ng’ Umuco wāke, uvuye mu mwiza, ni yo yākiye mu mitima yacu, kwerekana umuco, ni wo kumenya ubgiza bg’Imana buri mu nyonga ha Yesu Kristo.


ng’ uhumūre impumyi, ng’ usohore imbohe mw ibohero, n’abicaye mu mwiza ngo bave mu nzu y’imbohe.


Yesu yongera kubabgira, ati Jewe nd’ umuco w’isi, ūnkurikira nta ho azogenda mu mwiza, arikw azogira umuco w’ubugingo.


Ng’utambikire abicaye mu mwiza no mu gitūtu c’urupfu, Urōngōrere ibirenge vyacu mu nzira y’amahoro.


ivyiyumviro vyabo biri mu mwiza, batandukanijwe n’ubugingo buva ku Mana kubg’ ukutamenya kuri muri bo, n’ugukomantara kw’ imitima yabo.


Ni ho impumyi zizohumūka, n’ibipfamatwi bizozibūrwa.


Ntimwifatanye n’abatizera, kand’ ata co musangiye: ukugororoka n’ukugabitanya bifatana bite? Cank’ umuco n’umwiza bifatanya bite?


ni bo batizera, bamwe imana y’iki gihe yahumye imitima, ng’umuco ntubākire w’ubutumwa bg’ubgiza bga Kristo, ni we shusho y’Imana.


Ūkora ivyaha n’uwa wa Murwanizi, kuk’ uhereye ubga mbere na mbere uwo Murwanizi yamye akora ivyaha. Icatumye Umwana w’Imana ahishurwa ngiki: n’ukugira ngw asangangure ibikorwa vy’Umurwanizi.


Petero arabishura, ati Ni mwihane, umuntu wese muri mwebge abatizwe mw izina rya Yesu Kristo, mubone guharirwa ivyaha vyanyu, kandi muzohabga ingabire, ari yo Mpwemu Yera.


Turazi yuko tur’ ab’ Imana, kand’ isi yose iri muri wa Mubi.


Ni twatura ivyaha vyacu, ni yo yo kwizigirwa kand’ igororoka, ivyo ni vyo bituma iduharira ivyaha vyacu, ikatwoza ukugabitanya kwose.


Nashinze intahe mu Bayuda no mu Bagiriki y’ukwihana mu nyonga z’Imana, n’ukwizera Umwami wacu Yesu Kristo.


kandi yuk’ ukwihana no guharirwa ivyaha bikwiye kuvugwa mw izina ryiwe mu mahanga yose, uhereye i Yerusalemu.


Kandi kuri wo nta ho hazogera ikintu gihumanya, cank’ ūkora ibizira akabesha, atar’ abanditswe mu gitabo c’ubugingo ca wa Mwagazi w’Intama.


Kuko mwari muzimiye nk’intama, ariko noneho mugarutse ku Mwungere w’ubugingo bganyu, ari we nyene abujējwe.


kand’ ūtizera ntibishoboka kw ayihimbara; kuk’ uwēgēra Imana akwiye kwizera yukw iriho, igaha impēra abayirondera.


Kuk’ Umwami Imana ari ko yatubariye, ati Ndagushizeho ng’ ube umuco w’amahanga, Kugira ngo n’abo ku mpera y’isi ubashikirize agakiza.


ntiyashirah’ itandukaniro hagati yacu na bo, yogesheje imitima yabo ukwizera.


Uyo Imana yaramushize hejuru n’ukuboko kwayo kw’i buryo, ngw abe Umukuru n’Umukiza, ngw ahe Abisirayeli kwihana no guharirwa ivyaha.


Nkiri mw isi, nd’ umuco w’isi.


Uku ni kwo gutsindwa, kuk’ umuco waje mw isi, arikw abantu bagakunda umwiza kuruta umuco, kukw ibikorwa vyabo ari bibi.


Kur’ uwo musi ibipfamatwi bizokwumva amajambo yo mu gitabo, n’amaso y’impumyi azoca umwiza n’umuzitanya abone.


Ndabandikiye bana bato, kukw ivyaha vyanyu mwabihariwe kubg’ izina ryiwe.


ngo tuze twegukire umwandu utazobora, utanduye, udakabirana, mwabīkiwe mw ijuru,


Ubeze mu kuri: ijambo ryawe ni ryo kuri.


Kumenyesha abantu biwe agakiza, Kw ar’ uguharirwa ivyaha vyabo,


Yuda, umugurano wa Yesu Kristo, kandi mwene nyina wa Yakobo, ndabandikiye abahamagawe, bakundwa kuko muri mu Mana Data wa twese, mukazigamirwa Yesu Kristo.


Ni mwumve, bene Data nkunda. Mbeg’ Imana ntiyatoranirije aboro b’ivy’ isi kuba abatunzi mu kwizera, no kuragwa ubgami yasezeraniye abayikunda?


Kukw ikimazi kimwe ari co yatunganishije rwose abezwa, ukazoshitsa ibihe bidashira.


kugira ng’umugisha wa Aburahamu ushike ku banyamahanga, bawuheshejwe na Yesu Kristo, kugira ng’ukwizera kuturonkeshe Mpwemu twasezeraniwe.


Maz’ abungura ubgenge ngo batahure ivyanditswe.


Sohora impumyi zifise amaso, n’ibipfamatwi bifise amatwi.


Nzozana impumyi mu nzira zitazi, ndazirōngōre mu ndari zitari zizi, nzohindura umwiza ube umuco imbere yazo, n’ahagoramye nzohagorora. Ivyo nzobishitsa, sinzobaheba.


Abantu bāgendera mu mwiza babonye umuco mwinshi, abāba mu gihugu c’igitūtu c’urupfu ni bo bākiwe n’umuco.


Hwezesha amaso yanje, Kugira ngo mbone ibitangaza vyo mu vyagezwe vyawe.


bashire ibirāre, bave mu mutego wa wa Murwanizi yabafashe ngo bakore ivy’ agomba.


Ubuntu ni bgo bgabakijije kubg’ ukwizera: na vyo nyene ntivyavuye kuri mwebge, n’ingabire y’Imana;


Kuba mur’ uwo kwaduhesheje gucika ishamvu yayo, twashiriweho kera nk’ukw Iyo yabigabiye, ikora vyose nk’ukw imigabo yo mu mutima wayo iri,


Ni yo ibaha kuba muri Kristo Yesu, yaduhindukiye ubgenge buva ku Mana, n’ukugororoka n’ukwezwa n’ugucungurwa:


ngo Mpwemu w’Uhoraho ari kuri jewe, Ni co catumye andobanuza amavuta kugira ngo mbgire aboro ubutumwa bgiza: Yantumye kumenyesha abarindwa ko barekuwe, N’impumyi ko zihumūka, No kubohora abanywagutse imitima,


Kuba umuco wākira amahanga, No kuba ubgiza bg’abantu bawe b’Abisirayeli.


Abantu bāri bicaye mu mwiza, Babonye umuco mwinshi, Kand’ abāri bicaye mu gihugu c’urupfu no mu gitutu carwo, Umuco urasiye kuri bo.


Ariko mweho abubaha izina ryanje izuba ry’ubugororotsi rizobarasira, rifise ugukiza mu mababa yaryo. Maze muzosohoka mukina amatavu nk’inyana zivuye mu ruhongore.


aravuga, ati Kuba umushumba wanje, ugashira hejuru imiryango ya Yakobo, ukagarukana abarokotse b’Abisirayeli, ivyo ntibihāgije: ariko kandi ndagushizeho ng’ ube umuco wākira amahanga, kugira ngo n’ abo ku mpera y’isi ubashikirize agakiza kanje.


Uhoraho ni we ahumūra impumyi; Uhoraho ni we yēmesha abahetamye; Uhoraho ni we akunda abagororotsi;


Ukwo kugomba kwayo ni kwo kwatumye twezwa, tubiheshwa n’uk’ umubiri wa Yesu Kristo watanzwe rimwe gusa.


Ni co gituma aba umuhūza, ahesha isezerano risha, kugira ngw abāhamagawe bahabge umwandu udashira w’isezerano, bitewe n’uko habayeh’ urupfu rucungura abacumuye bakiganzwa n’isezerano rya mbere.


Ni co gituma bivugwa, ngw Ikangure, wewe usinziriye, uzuke uve mu bapfuye, Kristo arakumurikira.


ni we ngwati y’umwandu tuzohabga, kugira ngw abo Imana yaronse ibacungure, ng’ubgiza bgayo bushimwe.


Muri we ni ho duhērwa gucungurwa n’amaraso yiwe, ni kwo guharirwa ibicumuro vyacu, nk’ukw itunga ry’ubuntu bgayo riri,


Iki conyene ni co ngomba ko mumbgira: mbega Mpwemu mwamuronkeshejwe n’ibikorwa vy’ivyagezwe, canke n’ukwumva gufatanije n’ukwizera?


Nabambanywe na Kristo, ariko ndiho; yamara si jewe nkiriho, ni Kristo ariho muri jewe. Ivyo nkora vyose nkiriho mu mubiri mbikoreshwa no kwizera Umwana w’Imana yankunze, akanyigura.


turabandikiye mwebge abo mw ishengero ry’Imana ry’i Korinto, bejejwe muri Kristo Yesu, bāhamagariwe kuba abera, hamwe na bose bambariza ahantu hose izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo, ni we Mwami wabo n’uwacu.


Ariko ko tur’ abana bayo, tur’ abaragwa; tur’ abaragwa b’Imana, tur’ abaraganwa na Kristo, namba tubabazanywa na we, ngo tubone guhānwa ubgiza na we.


yuko Kristo atazobura kubabazwa, kandi kw ari we azobanza kuzuka mu bapfuye, no kubgira ubgoko bgacu n’abanyamahanga ubutumwa bg’umuco.


Abāvugishwa n’Imana bose bāmushingiye intahe, bavuga yuk’ ūmwizera wese azoharirwa ivyaha kubg’ izina ryiwe.


Nuko mwihane, muhindukire, ivyaha vyanyu bihanagurwe, ibihe vyo guhēmbūka bibone ingene biza, bivuye mu nyonga z’Umwami Imana,


Yesu aravuga, ati Naje mur’ iyi si kuba agahinyuza, ngw abatabona babone, n’ababona babe impumyi.


arik’ ūnywa amazi nzomuha, ntazoba akigira inyota na mba gushitsa ibihe vyose, arikw amazi nzomuha azohinduka muri we imbizi y’amazi yiburuka azana ubugingo budashira.


Yesu aramwishura, at’ Iy’ uba war’ uzi ingabire y’Imana, ukamenya n’ūgusavye ngo Mpa utwo kunywa uw’ ari we, nawe uba umusavye, na we akaguha amazi y’ubugingo.


Amaso y’ababona ntazoba agihwihwisha, kand’ amatwi y’abumva azokwumviriza neza.


Buno Yesu aramubgira, ati Mvako, Satani, kuko vyanditswe, ng’ Uhoraho, Imana yawe, abe ari yo usenga, kand’ abe ari yo usaba yonyene.


Nuko, mwami Agiripa, sinanka kwumvira ivyo neretswe vyavuye mw ijuru.


kandi ntimugafatanye n’ibikorwa birumvye vy’umwiza, ariko cane‐cane mubiserure,


Kukw abo tunigana atar’ ab’ inyama n’amaraso, ariko tunigana n’abakuru n’abafise ububasha n’abaganza iyi si y’umwiza, n’impwemu mbi z’ahantu ho mw ijuru.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite