Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 26:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 ndagukize abo mur’ ubu bgoko bo n’abanyamahanga, ni bo ngutumyeko,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Nzokurokora mu maboko y’ubwoko bwawe no mu maboko y’Abanyamahanga, abo ndagutumyemwo,

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 26:17
36 Referans Kwoze  

Umwami aramwishura, ati Pfa kugenda, kuk’ uwo muntu ar’ ikintu nītoranirije, ngw ajane izina ryanje imbere y’abanyamahanga n’abami n’Abisirayeli:


ni co nashiriweho kuba umusiguzi n’intumwa (mvuze ukuri, simbeshe) n’umwigisha wo kwigisha abanyamahanga ukwizera n’ivy’ ukuri.


Ariko ndababarira mwebge, abanyamahanga. Ndashimisha igikorwa canje, kuko nd’ intumwa ku banyamahanga,


Bazokurwanya, ariko ntibazokunesha, kuko nzoba ndi kumwe nawe ngo nkurokore, ni jewe Uhoraho mbivuze.


no guhamwa, n’imibabaro, nk’ivyambereyeko muri Antiyokiya no muri Ikoniyo n’i Lusitira; ivyo nihanganiye vyose mpamwa, kandi vyose Umwami wacu arabinkiza.


Ubgo butumwa nabushiriweho kuba umuvuzi wabgo n’intumwa n’umwigisha.


Kandi bamaze kumenya ubuntu nahāwe, Yakobo na Kefa na Yohana, abashimwa kw ar’inkingi, badukora mu minwe, twe na Barunaba, ngo dufatanye na bo, ngo twebge tuje ku banyamahanga, na bo baje ku bākebge.


Nuko mumenye yukw ako gakiza k’Imana kārungitswe ku banyamahanga: kand’ abo bazokwumva. [


Ntuz’ ugire ubgoba kubgabo, kuko nzoba ndi kumwe nawe ngo nkurokore, ni jewe Uhoraho mbivuze.


ngo mbe umusuku wa Kristo Yesu ku banyamahanga, nsukūrira ubutumwa bgiza bg’Imana nk’umuherezi, kugira ngw abanyamahanga babe ikimazi gishimwa, cejejwe na Mpwemu Yera.


bamusaba kubagirira neza kur’ uyo, ngw amutumeko, aze i Yerusalemu, na bo baze bamuryamire bamutsinde mu nzira.


kuko ndi kumwe nawe, kandi nta muntu azogutera ngw akugirire nabi, kuko mfise abantu benshi mur’ iki gisagara.


Uwo mwanya bene Data banyuruza Paulo ngw ahave, aje ku kiyaga; ariko Sila na Timoteyo basigarayo.


Nuko bene Data baca banyuruza Paulo na Sila mw ijoro baja i Beroya; maze bashitseyo binjira mw isinagogi y’Abayuda.


baraza, babakomera ibōbo, barabasohora, babinginga kuva mur’ ico gisagara.


Arikw Abayuda bosha abagore b’icubahiro bubaha Imana, n’abakuru bo mur’ ico gisagara, bavyurira akadenderezo Paulo na Barunaba, babirukana mu ntāra yabo.


Amarushwa y’umugororotsi ni menshi, Arik’ Uhoraho ayamukiza yose.


Muvuge, mut’ Udukize, ewe Mana y’agakiza kacu, Udukoranirize hamwe, udukize amahanga, Kugira ngo dushime izina ryawe ryera, Twirate ishimwe ryawe.


Kuko ntagutumye kw ihanga ry’abavuga imvugo itumvikana n’ururimi rugoye, ariko ni ku b’inzu ya Isirayeli;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite