Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 26:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Ariko va hasi, hagarara n’ibirenge vyawe: kukw igitumye nkwiyereka, ar’ukugira ngo ngutoranye nkugire umukozi wanje n’icabona co gushingira intahe ivy’ umbonanye, n’ivyo nzokwiyerekeramwo;

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 None rero va hasi uhagarare, kuko ndakwiyeretse kugira ngo ndagutume nk’umukozi wanje, kandi nk’icabona co gushingira intahe ivyo wambonyeko n’ivyo nzokwereka.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 26:16
34 Referans Kwoze  

Arambgira, ati Daniyeli, muntu w’ umukundwa cane, utahure amajambo ngira nkubgire, va hasi uhagarare, kuk’ ubu ngutumweko. Amaze kumbgira iryo jambo, mpagarara mpinda agashitsi.


Arambarira, ati Mwana w’ umuntu, vyuka uhagarare n’ ibirenge vyawe, mbone kugira ico nkubarira.


Ndashimira Kristo Yesu Umwami wacu yabinshoboje, kuko yanyiyumviriye ko nd’uwo kwizigirwa, akampa ubusuku:


kuko nanje ntābuhawe n’umuntu, kandi sinabgigishijwe, ariko ni Yesu Kristo yabumpishuriye.


ngo mbe umusuku wa Kristo Yesu ku banyamahanga, nsukūrira ubutumwa bgiza bg’Imana nk’umuherezi, kugira ngw abanyamahanga babe ikimazi gishimwa, cejejwe na Mpwemu Yera.


iryo nacikiye umukozi, nk’uko nahawe n’Imana ububgiriza bgo kugaburira mwebge, kugira ngo nkwize ijambo ry’Imana rishitse,


asangwa muhora mwizeye, mushinzwe neza mutanyiganyiga, mudatirimuka mu vyizigiro biheshwa n’ubutumwa mwumvise, bgavuzwe mu bāremwe bose bo musi y’ijuru, ubgo jewe Paulo nacikiye umukozi wabgo.


Kandi nadūzeyo kubgo guhishurirwa, mbashira imbere ubutumwa bgiza mvuga mu banyamahanga, ariko mbushira imbere y’abashimwa twiherereye, ngo sinirukire ubusa, canke simbe narirukiye ubusa.


Ijoro ry’uwo musi, Umwami Yesu amuhagarara hejuru, ati Hūmura; nk’uko wanshingiye intahe i Yerusalemu, ni k’ukwiye kuzonshingira intahe i Roma.


Ariko weho, wirinde muri vyose, wihanganire imibabaro, ukore igikorwa c’umuvuzi w’ubutumwa bgiza, ushitse igikorwa c’ibango ryawe.


Ni wibutsa bene Data ivyo, uzoba ur’ umukozi mwiza wa Kristo Yesu, yarerewe mu majambo y’ukwizera n’ay’ inyigisho nziza wakurikiye.


dutuma Timoteyo, mwene Data, umukozi w’Imana agabura ubutumwa bgiza bga Kristo, ngw abakomeze abaremeshe ku vy’ ukwizera kwanyu,


nk’uko mwigishijwe na Epafura uwo dukunda, umugurano mugenzi wacu, ni we mukozi wa Kristo wo kwizigirwa abagaburira ivya Kristo mu gishingo cacu,


Arikw ivyo vyose biva ku Mana, yatwiyujujeko kubga Kristo, ikaduha igikorwa co kugabura umwuzuzo,


Ni co gituma tutihebura, kuko dufise ubgo busuku, nk’uko twagiriwe ikigongwe.


Ni we yaduhesheje ubuntu no kuba intumwa kubg’ izina ryiwe, kugira ngo mu mahanga yose habemw’ abumvira Imana, babiheshwa no kwizera:


Ndamubaza, nti Ngire nte ga Mwami? Umwami aranyishura, ati Va hasi, ushike i Damasiko, ni ho uzobaririrwa ivyashinzwe k’uzokora.


Amaze kubaramutsa, ababarira ivy’ Imana yakoze mu banyamahanga imukoresheje, abidonze kimwe‐kimwe.


Ariko simbabaye ubugingo bganje nk’ah’ ar’ubg’ igiciro, kugira ngo ndangize urugendo rwanje, n’igikorwa nahawe n’Umwami Yesu, co gushingira intahe ubutumwa bgiza bg’ubuntu bg’Imana.


Ariko tweho tuzoshishikara gusenga no kugabura ijambo ry’Imana.


gusubira mu kirenge ca Yuda mur’ iki gikorwa no kuba intumwa, ivyo yataye akaja ahiwe.


kuko yari yaharūwe muri twebge, agahabga umugabane w’iki gikorwa.


nk’uko twabirazwe n’abāhereye ubga mbere ar’ivyabona vyavyo n’abasuku b’ijambo ry’Imana.


Nanje ndabaza, nt’ Uri nde ga Mwami? Umwami aranyishura, ati Ndi Yesu, uwo urik’ urahīga.


yuko mu guhishurirwa nātiwe ibanga, nk’uko nabanje kwandika mu majambo make,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite