Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 26:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Twese twikubise hasi, numva ijwi rimbgira mu rurimi rw’Igiheburayo, riti Sauli, Sauli, umpīgira iki? Erega birakugoye gutera imigere ku mihunda.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Twese duca tugwa hasi, maze numva ijwi rimbarira mu Giheburayo riti: ‘Sawuli, Sawuli, uriko umpamira iki? Nta wukubita umugere ku muhunda.’

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 26:14
11 Referans Kwoze  

Amukundiye, Paulo ahagarara ku ngazi y’amabuye, amama abantu: hamaze kuba agacerere rwose, ababarira mu Giheburayo,


Bumvise ababariye mu Giheburayo, barushiriza gucereza. Aravuga,


Abagabo bajanye na we bahagarara badakoma, kuko bumvise ijwi, ata muntu babona.


Cank’ Umwami tumutere ishari? Mbega tumurusha inkomezi?


at’ Ehe nzohindura Yerusalemu igikombe co kudandabagiranya amahanga yose ahakikije, igihe bazoba bateye Abayuda, bugarije Yerusalemu.


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we yantumye kumuhesha icubahiro mu mahanga yabanyaze; at’ Ūbakorako aba akoze ku mbone y’ijisho ryiwe.


Gukerebuka kwiza gutera igikundiro, Arikw inzira y’ingunge irababazanya.


Nuko mugenzi, nkigenda mu mashōka, mbona umuco uvuye mw ijuru, urusha ukw izuba rica ibibatsi, unkayanganira irya n’ino, twe n’abo tugendanye.


Nanje ndabaza, nt’ Uri nde ga Mwami? Umwami aranyishura, ati Ndi Yesu, uwo urik’ urahīga.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite