Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 26:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Nuko mugenzi, nkigenda mu mashōka, mbona umuco uvuye mw ijuru, urusha ukw izuba rica ibibatsi, unkayanganira irya n’ino, twe n’abo tugendanye.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Maze ga mwami, nko kw’isaha ya gatandatu y’umurango, ndi mu nzira ngenda, mbona umuco mwinshi uva mw’ijuru, uruta uw’izuba, uturasira impande zose twe n’abo twari kumwe.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 26:13
10 Referans Kwoze  

Ahinduka ukundi imbere yabo, mu maso hiwe haka nk’izuba, impuzu ziwe zera nk’umuco.


Kandi wa murwa nturinda kwākirwa n’izuba canke n’ukwezi, kuk’ ubgiza bg’Imana ari bgo buwākira, kandi wa Mwagazi ari we tara ryawo.


kandi mu kuboko kwiwe kw’i buryo yar’ afise inyenyeri ndwi, mu kanwa kiwe hāvamw’ inkota ikarishe, mu nyonga hiwe hari hameze nk’izuba iyo ryatse umutari.


Nuko nkigenda, nshitse hafi y’i Damasiko, hāri nko mu mashōka, umuco uhambaye uza giturumbuka uvuye mw ijuru, unkayanganira irya n’ino.


Maz’ arikw aragenda, agira ashike i Damasiko, haza umuco giturumbuka, uvuye mw ijuru, umukayanganira irya n’ino.


Kand’ umuco w’ukwezi uzomera nk’uw’ izuba, kand’ umuco w’izuba uzokwongerekanywa ibihetangabo ndwi, ungane n’umuco wo mu misi ndwi, ku musi Uhoraho azopfuka ibikomere vy’abantu biwe, akavūra n’inguma yabakubise.


Ni ho ukwezi kuzomāramāra, izuba ritētērwe; kuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo azoba ari ku ngoma ku musozi Siyoni ari ho Yerusalemu, agire icubahiro imbere y’abashingantahe biwe.


Kandi n’abo twāri kumwe umuco bārawubonye, ariko ntibumva ijwi ry’uwo tuvugana.


Ngikora ivyo, nja i Damasiko mpawe ubushobozi ndungitswe n’abaherezi bakuru.


Twese twikubise hasi, numva ijwi rimbgira mu rurimi rw’Igiheburayo, riti Sauli, Sauli, umpīgira iki? Erega birakugoye gutera imigere ku mihunda.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite