Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 26:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 No mu masinagogi yose nābahana kenshi, nkagerageza cane kubatukisha Yesu; kandi kuko nasazwa cane mbazira, narabatuza no gushitsa mu bisagara vy’abanyamahanga.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Kenshi nava mw’isinagogi nja mu yindi nkabakubitisha, nkabategeka gutuka izina rya Yesu. Muri iryo pfuhe nyeneryo kubagwanya, nashitse no mu bisagara vyo mu mahanga kubahamirayo.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 26:11
17 Referans Kwoze  

Nanje nti Mwami, na bo ubgabo barazi yuko nashira abakwizeye mw ibohero, nkabatonagurira mu masinagogi yose.


Arikw Abayuda babonye ishengero ryinshi, buzura ishari, bahakanya ivyo Paulo avuze, barabicokora.


Mwirinde abantu. Bazobashengerana mu manza, babatonagurire mu masinagogi yabo.


Kandi n’umuherezi mukuru na we aranshingira intahe y’ivyo, bo n’abanyekombe bose. Ni bo bāmpaye ivyete vyandikiwe bene Data b’i Damasiko, ikinjanyeyo ar’ ukuzana i Yerusalemu abaho na bo bari mu ngoyi, ngo bishure.


Ariko Sauli, akigenda afuhagira, afitiye abigishwa b’Umwami imihigo n’ubgicanyi, aja ku muherezi mukuru,


arikw ahanwa ubugāba bgiwe, hamwe indogoba itazi kuvuga yavuga ijwi nk’iry’ umuntu, ikabuza ibisazi vy’uwo muntu avugishwa n’Imana.


Si bo barogota kw izina ryiza mwitirirwa?


Na bo babihāririje barogose, akunkumura impuzu ziwe, arababarira, at’ Amaraso yanyu araba ari mwebge akora! Jeho ndacuna; guhēra ubu ndaja ku banyamahanga.


Arikw ivyo vyose bitarabaho bazobashōrerakw amaboko, babahame, babashengerane mu masinagogi, babashirishe mu mabohero, babashengeze ku bami no ku baganza, babahōra izina ryanje:


Yisubiyemwo, aribgira, at’ Abacangero ba data bangana kuriya, kandi bahāzwa n’ivyo kurya bakabisigaza, nanje jeho inzara irikw iranyicira hano.


Ariko bo birabasaza rwose, baja inama y’ico bogira Yesu.


Ariko mwiyubare: kuko bazobashengerana mu manza, muzoshishagurirwa mu masinagogi, kandi muzohagarara imbere y’abaganza n’abami babampōra, mube ikimenyetso kibabere icabona.


Ndababgire ukuri: Abana b’abantu bazoharirwa ivyaha vyabo vyose n’ibirogotano vyose bazorogota,


Ubu n’ubuyobe mu bikorerwa musi y’izuba vyose, yukw iherezo rya bose ari rimwe: mbere, mu mitima y’abana b’abantu huzuyemw’ ibibi, kandi bakiriho, ubusazi buba mu mitima yabo, hanyuma bakitāhira mu bapfuye,


Abansi banje barantuka umusi ukīra, Abandandamukiye bahinduye izina ryanje agatukisha.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite