Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 26:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Kand’ ivyo narabikora nyene nd’i Yerusalemu, ngashira abera benshi mu mabohero, mpawe ubushobozi n’abaherezi bakuru, kand’ aho bābica, nanje nishira mu bemera ko bicwa.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Kandi ivyo narabikoze i Yerusalemu. Nahawe ububasha n’abakuru b’abaherezi bwo gufata abizera no kubata mw’ibohero; kandi mu kubacira urwo gupfa, nari mu bavyemeza.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 26:10
17 Referans Kwoze  

Ariko Sauli yatikiza ishengero; yinjira mu mazu yose, agakūramw’ abagabo n’abagore, akabashira mw ibohero.


Abamwumvise bose barūmirwa, bati Mbeg’ uyu si we yatikije abambaza iryo zina i Yerusalemu? Kandi ni co cari kimuzanye n’ino, kugira ngw abashīre abaherezi bakuru bari mu ngoyi.


Mbere jewe nd’ inyuma y’izindi ntumwa zose, sinkwiye no kwitwa intumwa, kuko nahama ishengero ry’Imana.


Ashitse i Yerusalemu, agerageza kwifatanya n’abigishwa: bose baramutinya, ntibemera kw ar’ umwigishwa.


Bahēra kur’ uwo musi bahama cane ishengero ry’i Yerusalemu: bose basābagirira mu bihugu vy’i Yudaya n’i Samariya, ukūyemw’ intumwa gusa.


bamuhindira inyuma y’igisagara, bamwicisha amabuye; kand’ abāmwagirije bāri bafashije hasi imitamana yabo imbere y’ibirenge vy’umusore yitwa Sauli.


Kandi mbona uwo mugore aborewe amaraso y’abera n’amaraso y’abashingiye intahe ivya Yesu. Ndamubonye birantangaza ndumirwa rwose.


Paulo, nagizwe intumwa ya Kristo Yesu n’ukw Imana yabigomvye, ndabandikiye abera bari muri Efeso, b’abizigirwa bo muri Kristo Yesu.


Mwumvise ingeso zanje nari mfise kera, nkiri mw idini y’Abayuda, ingene nahīga ishengero ry’Imana birengereje, nkaritikiza.


Amufata ukuboko, aramuhagarika. Maz’ ahamagara abera n’abapfakazi, amubaha ari muzima.


Nuko Petero agendagenda hose, amanuka no ku bera baba i Luda,


Abera bo mw isi Ni bo ntōre nnezererwa bonyene.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite