Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 25:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Paulo ariregura, ati Nta caha nakoze, ari ku vyagezwe vy’Abayuda, canke ku rusengero, canke kuri Kayisari.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Maze Pawulo na we ariregura, avuga ati: “Sinigeze ncumura ku vyagezwe vy’Abayuda, canke ku rusengero, canke kuri Kayisari.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 25:8
13 Referans Kwoze  

Imisi itatu ishize ahamagara abakuru bo mu Bayuda abakoraniriza hamwe; bamaze gukorana, arababarira, ati Bagabo bene Data, naho ntāgize ikibi nakoze ku bgoko bgacu canke ku migenzo ya ba sogokuruza, bāmpaye Abaroma nd’imbohe, bamvanye i Yerusalemu.


Kandi ntibāsanze mpārīra n’umuntu n’umwe, canke nkoraniriza abantu kubakikiza, naho hoba mu rusengero canke mu masinagogi canke mu gisagara.


Kuk’ ukwirata kwacu ar’ uku, kand’ ijwi ryo mu mitima yacu rirabishingira intahe: ingeso twagirira mw isi, kandi cane‐cane muri mwebge, zar’ ukwera, n’imitima itagira ubugunge iva ku Mana, atari mu bgenge bg’abantu, ariko mu buntu bg’Imana.


Na bo baramwishura, bati Nta vyete twāronse bivuye i Yudaya bivuga ivyawe, kandi bene Data baje nta watubariye inkuru mbi yawe, canke ngw akuvuge nabi.


Ikindi, Yeremiya abaza umwami Zedekiya, ati Mbega nagucumuyekw iki, cank’ abantu bawe, cank’ ubu bgoko, ko mwanshize mw ibohero?


Ariko Paulo aramwishura, ati Mpagaze aha imbere y’intebe y’imanza ishinzwe na Kayisari, ni ho nkwiye gucirwa urubanza. Nta kibi nagiriye Abayuda, kandi nawe urabizi neza.


Kandi yagejeje no guhumanya urusengero, turamufata, [twāri tugomvye kumucira urubanza nk’ukw ivyagezwe vyacu bivuga.


Paulo ahanga amaso abanyekombe, arababgira, ati Bagabo bene Data, nāmanye umutima utarimw’ ijwi rinyagiriza ikibi na kimwe imbere y’Imana gushitsa kur’ uyu musi.


Imana yanje yarungitse umumarayika wayo, azibira iminwa y’intambge, nta co zankozeko; kuko nabonetse imbere yayo ntagira igicumuro, kandi nawe, mugenzi, nta kibi nakugiriye.


Kuko nasahuwe, nkūwe mu gihugu c’Abaheburayo: n’ino na ho nta caha nakoze cotumye banshira mur’ iri bohero.


Arikw iki ni co nkwemerera: n’uk’ ukw iyo Nzira iri, iyo abo bita igice, ari ko nkorera Imana ya ba sogokuruza bacu, nemera vyose bifatanije n’ivyagezwe kandi vyanditswe mu vy’abāvugishwa n’Imana;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite