Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 25:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Na we ashitse, Abayuda bamanutse bavuye i Yerusalemu baramukikiza, bamurega ibirego vyinshi bikomeye, ivyo badashobora kuronkera icagiriza.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Pawulo arengutse, Abayuda bari bamanutse bava i Yerusalemu baramukikuza, bamwagiriza ivyaha bihambaye badashobora kuronkera ivyemezo.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 25:7
16 Referans Kwoze  

Kandi ku vyo bandeze ubu, ntibashobora kuronka ikinyagiriza imbere yawe.


Nuko Fesito aravuga, ati Mwami Agiripa, namwe mwese abo turi kumwe hano, murabona uyu, uwo ishengero ry’Abayuda bose bānsabira i Yerusalemu bo n’ino, basemerera ngo ntagikwiye kubaho.


Abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe barahagarara, bakovya kumwagiriza cane.


Batangura kumwagiriza, bat’ Uyu twamubonye agomesha ubgoko bgacu, ababuza gutanga ikori rya Kayisari, yivuga ngo ni Kristo, Umwami.


Ntumpe abarwanizi banje ngo bangirire uko bagomba, Kukw ivyabona vy’ibinyoma binkūriye hasi, n’abafuhagira inzigo.


baratabaza, bati Bagabo b’Abisirayeli, mudutabare! Nguyu wa muntu yigisha hose abantu bose, akēngereza ubu bgoko n’ivyagezwe n’aha hantu: ikigeretseko yazanye n’Abagiriki mu rusengero, yahumanije aha hantu hēra.


Ivyabona vy’ibinyoma biva hasi, Bakanyagiriza ivyo ntazi, babimbaza.


Nuko Hamani abarira umwami Ahasuwerusi, ati Harih’ ubgoko busābagiye, bukwiragiye mu mahanga yo mu bihugu vyawe vyose; kand’ ivyagezwe vyabo nta ho bihūriye n’ivy’ ayandi mahanga yose, kandi ntibitondera ivyagezwe vyawe, mwami: ni co gituma, mwami, bitabereye gupfa kubarekera ngaho.


kugira ngo barondere mu gitabo kidonda ivyagenda biba ku ngoma za ba sogokuruza. Nuko uzobisanga mur’ ico gitabo, kand’ uzomenya yukw ico gisagara ar’igisagara cama kigarariza, kikazana ubuhombe ku bami no ku bihugu vyabo, kikāma gitera umugararizo uhereye no mu bihe vya kera; mbere ni vyo vyatumye ico gisagara nyene gisangangurwa.


Maz’ Abafarisayo n’abanyabgenge b’ivyanditswe baza kuri Yesu bavuye i Yerusalemu, baramubaza,


batubuza kubarira abanyamahanga ngo bakire; na ntaryo buzuza ingero y’ivyaha vyabo. Arik’ uburake bububiriye kubamara rwose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite