Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 25:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Amaze muri bo imisi itarenga umunani cank’ icumi, aramanuka aja i Kayisariya; bukeye bg’aho yicara ku ntebe y’imanza avuga ko bazana Paulo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Nuko amarana na bo imisi umunani hanyuma asubira i Kayisariya. Ku musi ukurikira, akoranya abacamanza, maze arengutsa Pawulo.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 25:6
11 Referans Kwoze  

Nuko bakoraniye hano, sinarinze guteba, ariko bukeye bg’aho nicara ku ntebe y’imanza, mpamagaza uwo muntu.


Ariko Paulo aramwishura, ati Mpagaze aha imbere y’intebe y’imanza ishinzwe na Kayisari, ni ho nkwiye gucirwa urubanza. Nta kibi nagiriye Abayuda, kandi nawe urabizi neza.


Acicaye ku ntebe y’imanza umugore wiwe amutumako, ati Ntihagire ico ugira uwo mugororotsi; kuko narāye ndose mbona mbabazwa vyinshi kubgiwe.


Ariko mweho mwatētereje umworo. Non’ abatunzi si bo babatwaza amanyama, bakaba ari bo babakwega babajana mu manza?


Kuko twese tutazobura kugaragarizwa imbere y’intebe y’amateka ya Kristo, kugira ng’umuntu wese ahabge ibihwanye n’ico yakoze akiri mu mubiri, ari ciza ari kibi.


Nuko Pilato yumvise ayo magambo, asohora Yesu, yicara ku ntebe y’imanza, yar’ ahantu hitwa Musezero w’amabuye, mu Giheburayo hitwa Gabata.


Ariko Filipo abonekera muri Azoto, ahahita avuga ubutumwa bgiza mu bisagara vyose, kugeza aho yashikiye i Kayisariya.


Nuko Fesito ashikiriye intāra amara gatatu, araheza ava i Kayisariya adūga i Yerusalemu.


Ariko Fesito abishura yuko Paulo arindirwa i Kayisariya, kand’ ubgiwe kw agiye kujayo vuba.


Arababgira, ati Nukw abakuru bo muri mwebge ni bamanuke tujane, maze namba kur’ uyo mugabo har’ ikidakwiye, bakimurege.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite