Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 25:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 bamusaba kubagirira neza kur’ uyo, ngw amutumeko, aze i Yerusalemu, na bo baze bamuryamire bamutsinde mu nzira.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Maze binginga Fesito ngo abashimishe yimurire Pawulo i Yerusalemu, kuko bategura kumutegerera mu nzira ngo bamwice.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 25:3
16 Referans Kwoze  

maze Sauli amenya inama yabo. Bamutegera ku marembo ku murango no mw ijoro kugira ngo bamwice.


Kandi n’iki kitubuza gukora ibibi kugira ngw ivyiza bibeho? (nk’uko batubeshera, kandi bamwe bavuga ko twigisha). Abakora bartyo bazocirwa urubanza bakwiranye.


amusaba ivyete vyo guha ab’ amasinagogi y’i Damasiko, kugira ngo ni yabona abantu bakurikira Inzira ya Yesu, ar’ abagabo cank’ abagore, abajane i Yerusalemu mu ngoyi.


Kand’ ivyo bazobikora kuko batamenye Data, nanje ntibāmmenye.


Maz’ abaganwa babgira umwami, bat’ Uyu muntu akwiye gupfa: kukw adendebura amaboko y’abahizi bagisigaye mur’ iki gisagara n’ay’ abantu bose, ababarira amajambo asa artyo: kuk’ uyu mugabo atifuriza amahoro ubu bgoko, atar’ ivyago.


Maze baravuga, bat’ Enda ni muze, duhigire imihigo Yeremiya; kukw ahar’ umuherezi hatobura n’ivyagezwe, kand’ ahar’ umunyabgenge ntihobura n’inama, kand’ ahar’ ūvugishwa n’ Imana ntihobura ijambo ryayo. Enda ni muze, tumukubitishe intega y’ururimi, ntidushire umutima ku magambo yiwe, mwo na rimwe.


nari mu ngendo kenshi, mw irinde ry’inzūzi, mw irinde ry’abambuzi, mw irinde ry’ubgoko bgacu, mw irinde ry’abanyamahanga, mw irinde ryo mu bisagara, mw irinde ryo mu bugaragwa, mw irinde ryo mu kiyaga, mw irinde ryo mu bīgira bene Data;


Ewe munyakibi, ntukabunde ku rugo rw’umugororotsi, Ntugasangangure umuhana wiwe;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite