Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 25:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Ndabishura, nti S’umugenzo w’Abaroma gutanga umuntu uw’ ari we wese, umuregwa atabanje kuba kumwe n’abāmureze imbonankubone, no kubona uburyo bgo kwiregura ibirego bāmureze.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Nababwiye ko bitari mu migenzo y’Abaroma gucira urubanza umuntu adahawe umwanya wo kuburana n’abamwitwariye ngo aronke akaryo ko kwiregura ku vyo bamwagiriza.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 25:16
11 Referans Kwoze  

ati Mbeg’ ivyagezwe vyacu biratsindisha umuntu batabanje kumwumva no kumenya ico yakoze?


Maze mbariwe yuko bahigiye uwo mugabo, nca ndamukurungikira, mbarira abarezi ko bamuregera imbere yawe. Ndakwikebanuye.


Ūbanza kwitwara, umengo ni we afise urubanza, Arik’ uwo babūrana yaza akamwararaza.


Agiripa abarira Paulo, at’ Uremerewe kwiregura. Maze Paulo aramvura ukuboko, ariregura,


Ūwishura atarumva Bimubera ubupfu n’agatētereza.


mukabibarirwa; mumaze kuvyumva muheze mugire umwete wo kubibariritsa; maze ni mwasanga ar’ ivy’ ukuri bidakekeranywa, yuk’ ubuyobe bungana burtyo bukorerwa mu Bisirayeli,


Kandi ni bābajana mu masinagogi bakabashīra abakuru n’abaganza, ntimuze muhagarikire imitima ico mwireguza n’ingene mwiregura, n’ico muvuga.


aravuga, ati Nzokwumva ivyawe abarezi bawe ni bamara kuza. Agera ko bamurindira mw iboma ya Herode.


Maze shebuja yumvise amagambo umugore wiwe amubariye, y’ingen’ uwo mugurano wiwe yamugiriye, uburake bgiwe buraziriringa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite