Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 25:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Nuko namba naragabitanije, canke narakoze ibikwiye kunyicisha, sinanka gupfa: ariko namb’ ivyo aba bandega atari ko biri, nta muntu ashobora kubampa. Nzokwitwara kuri Kayisari.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Nimba hari icaha na kimwe kinyagira cotuma nicwa, sinanse gupfa. Ariko nimba ivyo bariko baranyagiriza atari vyo, nta n’umwe afise uburenganzira bwo kundekurira kuri aba Bayuda. Nsavye kwungururiza kwa Kayisari.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 25:11
17 Referans Kwoze  

Arikw Abayuda batagaye, numva nkwiye kwitwara kuri Kayisari; ariko s’uko mfise ico ndega ubgoko bgacu.


Agiripa abarira Fesito, at’ Uyu muntu aba arekuwe, iy’ ataba yar’ agomvye kuzokwitwara kuri Kayisari.


Ariko nsanga ntiyakoze igikwiye kumwicisha, kand’ ubgiwe agomvye kwitwara kuri Augusito, ngabira kumumurungikira.


Ariko Paulo asavye kurindwa kugira ngw az’ acirwe urubanza na Augusito, mvuga kw arindwa gushitsa aho nzomurungikira Kayisari.


bishe Umwami Yesu n’abāvugishwa n’Imana, kandi natwe bāratwirukanye, ntibānezereje Imana, barwanya abantu bose;


Ariko Paulo aramwishura, ati Mpagaze aha imbere y’intebe y’imanza ishinzwe na Kayisari, ni ho nkwiye gucirwa urubanza. Nta kibi nagiriye Abayuda, kandi nawe urabizi neza.


Bamaze kumubohesha imigozi, Paulo abaza umugabisha w’abasoda ijana ahagaze aho, ati Mbega biremerwa ko mukubita umuntu w’Umuroma, kand’ ata rubanza rwamutsinze?


Paulo arikw arahaga amatama, Galiyo abgira Abayuda, at’ Iyo haba hāri habonetse ibirego vy’icaha, cank’ igicumuro kigoye, yemwe Bayuda, hari kuboneka inyanduruko yuko mbihanganira kubumva:


Ariko Paulo arabishura, ati Ko bādukubitiye imbere y’ishengero, ata kidutsinze, kandi tur’ Abaroma, bakadushira mw ibohero: none bagomba kuduhinda mu mpisho? Ekaye, ni babe ari bo biyizira ubgabo badusohore.


Kand’ asangwa narabanguriye ukuboko impfuvyi, Kubgo kugira aho mpininikiye mu rukinja;


Maze Dawidi yiyumvira mu mutima, at’ Umusi munaka, Sauli azoteba anyice; nta cosumba ko nohungira mu gihugu c’ Abafilisitiya, Sauli akampebūra, ntasubire kundondera mu gihugu cose c’Abisirayeli; uko ni ko noba ndamukize.


bat’ Uhoraho Imana nyamana, Uhoraho Imana nyamana irabizi, kand’ Abisirayeli na bo bazobimenya! Namba twabikoreshejwe n’ubugarariji canke n’uguhemukira Uhoraho, uyu musi ntimusige mutatwishe!


Ikindi, Yeremiya abaza umwami Zedekiya, ati Mbega nagucumuyekw iki, cank’ abantu bawe, cank’ ubu bgoko, ko mwanshize mw ibohero?


Fesito amaze kuja inama n’abanyekombe, aramwishura, ati K’ugomvye kwitwara kuri Kayisari, imbere ya Kayisari ni ho uzoja.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite