Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 25:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Ariko Paulo aramwishura, ati Mpagaze aha imbere y’intebe y’imanza ishinzwe na Kayisari, ni ho nkwiye gucirwa urubanza. Nta kibi nagiriye Abayuda, kandi nawe urabizi neza.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Pawulo arishura ati: “Ubu mpagaze imbere y’ubucamanza bwa Kayisari, kandi ni ho ntegerezwa kuburanira. Nta caha nokoreye Abayuda nk’uko na we ubizi neza.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 25:10
12 Referans Kwoze  

Twanse ibiteye isoni bikorerwa mu mpisho, ntitugenda mu bugunge, ntidufudika ijambo ry’Imana, ariko kwerekana ukuri ni kwo twishimagirisha mu nyonga z’Imana ku mutima w’umuntu wese.


Na bo bamaze kuncunaguza, bashaka kundekura, kukw ata nyanduruko yambonetseko yo kunyicisha.


maze basohotse baravugana, bati Nta co uyu muntu yakoze gikwiye kumwicisha canke kumubohesha.


Ariko nsanga ntiyakoze igikwiye kumwicisha, kand’ ubgiwe agomvye kwitwara kuri Augusito, ngabira kumumurungikira.


Kuko yamenye yukw ishari ari ryo rimubatangishije.


Nuko bakoraniye hano, sinarinze guteba, ariko bukeye bg’aho nicara ku ntebe y’imanza, mpamagaza uwo muntu.


Amaze muri bo imisi itarenga umunani cank’ icumi, aramanuka aja i Kayisariya; bukeye bg’aho yicara ku ntebe y’imanza avuga ko bazana Paulo.


Mbona yuko bamurega amajambo y’ivyagezwe vyabo, ariko kw ata co yarezwe gikwiye kumwicisha canke kumubohesha.


Acicaye ku ntebe y’imanza umugore wiwe amutumako, ati Ntihagire ico ugira uwo mugororotsi; kuko narāye ndose mbona mbabazwa vyinshi kubgiwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite