Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 24:26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Kandi yanaziga ko Paulo yomuhēra amahera; ico ni co camutera kwama amuhamagaza ngo bayāge.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Kubera yari yiteze ko Pawulo ashobora kumuha igiturire, yama amutumako kenshi bakaganira.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 24:26
29 Referans Kwoze  

Umuntu w’umunyakibi agoborora ingurire mu kwaha Kugira ngw agoreke inzira z’ imanza.


Kand’ ukwifuza inyungu kwabo kuzobatera kwunguka kuri mwebge, bababgiye amagambo y’amaremano: gucirwakw iteka kwabo uhereye kera ntiguteba, no guhona kwabo ntiguhunyiza.


Ntimuzi yukw abagabitanya batazoragwa ubgami bg’Imana? Ntimuzimire: abashakanyi, cank’ abasenga ibigirwamana, cank’ abasambanyi, cank’ abagabo bendwa, cank’ abagabo bendana,


Maz’ imyaka myinshi ishize, njanwayo no gushīra ubgoko bgacu ivy’ubuntu, no gutanga ibimazi.


Amaboko yabo yamogoreye gukora ibibi; umuganwa ari n’ivyo yāka, umucamanza aca ingurire, ūhambaye yenyaguza ivyifuzo bibi vyo mu mutima wiwe: uko ni ko babijishira hamwe.


Abakuru baho baca imanza kubg’ ingurire, n’abaherezi baho bigishiriza ingero, n’abavugishwa baho baragurira kubona ingemu: yamara bisunga Uhoraho, bakavuga, bati Mbeg’ Uhoraho ntari muri twebge? bat’ Erega nta cago kizodushikako.


Ibinyobga vyabo vyacitse umururazi: basambana ubudahumeka; abatware babo bakunda ibiteye isoni birenze urugero.


Maze baza kuri wewe nk’ ukw abantu basanzwe baza, bakicara imbere yawe nk’ah’ ar’ abantu banje, bakumviriza amajambo yawe, ariko ntibayakore: kuko berekanisha akanwa kabo urukundo rwinshi, yamar’ imitima yabo ikurikira ukwiyungukira kwabo.


Abaganwa baho bameze nk’amabingira atabagura ico ahīze; bavisha amaraso, bagahonnya abantu, ngo bironkere inyungu.


Mbere n’imbga z’ ibigunya, zitigera zihāga; kand’ abo bameze bartyo n’abungere! Nta co bashobora gutahura; bose bījaniye inzira zabo ubgabo, umuntu wese yironderera inyungu impande zose.


Ūgendera mu bugororotsi akavuga ibitunganye, akagaya inyungu ziva mu gahahazo, agahungisha amaboko ngo ntiyābīre ingurire, akīziba amatwi ngo ntiyumve inama yo kuvisha amaraso, agahumiriza amaso ngo ntarābe ibibi:


Abakuru bawe n’abagarariji, n’abagenzi b’ibisuma; umuntu wese muri bo akunda ingurire, akurikira guhongerwa; ntibacira urubanza impfuvyi, kand’ imanza z’abapfakazi ntizigera aho bari.


Umwami akomeresha igihugu imanza ziroranye, Arik’ ūhongerwa aracūbika.


Benshi bashemagiza ūtanga isābagire, Kand’ umuntu wese aba umugenzi w’ūkunda kugaba.


Ingabire ni nk’akabuyenge k’ igiciro kinini mu maso y’ ūyihawe, Ah’ agiye hose agira ukuboko kwiza.


Kukw igihari c’abatubaha Imana kizogumbaha, Kand’ umuriro uzoyigiza ingo z’abarya ingurire.


Ariko mugende mwubaha Uhoraho, mwiyubare mu vyo mukora; kuk’ Uhoraho Imana yacu ata kugabitanya kuri muri we, canke gutinya ijunja ry’umuntu, canke kurya ingurire.


Ehe ndi hano: ni munyagirize imbere y’Uhoraho n’imbere y’uwo yimikishije amavuta. Mbega har’ uwo nanyaze inka? Canke har’ uwo nanyaze indogoba? Har’ uwo nagunze? Har’ uwo natwaje igitugu? Canke har’ uwo nātse impongano ikampuma amaso? Vuga ndabarihe.


Yamar’ abo bahungu biwe ntibāri n’ingeso nk’ iziwe, ariko bākebereje gukurikira inyungu mbi, bakarya ingurire, bakagoreka imanza.


Ntimuze mugoreke imanza, ntimuze muce urwa nkunzi, canke ngo murye ingurire: kukw ingurire ihuma amaso y’ abanyabgenge, ikagoreka imanza z’ukuri.


Ntimuze mwemere ingurire: kukw ingurire ihuma amaso y’ ababona, kand’ igoreka imanza z’ abagororotsi.


Maze Mose na Eliya barababonekera, bavugana na we.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite