Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 24:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Akirikw aravuga ivy’ ukugororoka n’ivy’ ukwirinda n’ivy’ amateka azocibga, Feliki aranduka umutima, aramubarira, at’ Ubu ni wīgīre, ni naronka uburyo bgiza nzogutumako.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Pawulo ariko aravuga ku vy’ukugororoka, ku vy’ukwirinda no ku ivy’urubanza rugiye kuza, Felisi aca aratinya, aca amubwira ati: “Niwigire, ivyo biramaze. Ninaronka akandi karyo keza nzosubira ndagutumeko.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 24:25
99 Referans Kwoze  

Uwo ni yaza, azohinyuza ab’ isi, abemeze ivy’ icaha, n’ivy’ ukugororoka, n’ivy’ amateka;


ariko mwubahe Kristo mu mitima yanyu kw ari we Mwami, muhore mwiteguye kwishura umuntu wese ababajije inyanduruko y’ivyizigiro biri muri mwebge, ariko muri n’ubugwaneza, mutinya,


ubgenge mubgongereko kwirinda; ukwirinda mukwongereko kwihangana; ukwihangana mukwongereko kwubaha Imana;


ubugwaneza, ukwirinda: ibimeze birtyo nta vyagezwe bibibuza.


Atugera kumenyesha abantu no gushinga intahe kw ari we Imana yashinze kuba Umucamateka w’abariho n’abapfuye.


Bana bato, ntihakagire ūbazimiza: ūkora ibigororotse ni we agororoka, nk’uk’ uwo agororoka.


Wemera yukw Imana ar’ imwe. Ugize neza; abadayimoni na bo nyene baravyemera, bagahinda agashitsi.


Kandi nk’ukw abantu bābīkiwe gupfa rimwe, hanyuma yaho hakaza amateka,


Nuko, kukw isezerano ryo gushika mu buruhukiro bgayo rikiriho, twiyubare kugira ngo kumbure ntihagire uwo muri mwebge yiyumvirwa kw akērerewe.


Ariko muhanūrane uko bukeye bicitwa uyu musi, ntihagire uwo muri mwebge akomantazwa umutima n’uruhendo rw’icaha.


Arikw ivyanditswe bivuga yuko vyose vyugaranywe ngo biganzwe n’icaha, kugira ngw abizera bahabge ivyasezeranywe biheshwa no kwizera Yesu Kristo.


Kuko twese tutazobura kugaragarizwa imbere y’intebe y’amateka ya Kristo, kugira ng’umuntu wese ahabge ibihwanye n’ico yakoze akiri mu mubiri, ari ciza ari kibi.


Iki ni co kimenyekanisha abana b’Imana n’abana b’Umurwanizi: ūdakora ibigororotse wese s’uw’ Imana, cank’ ūdakunda mwene Data wundi.


Ndakwihanikiririza mu nyonga z’Imana no mu za Kristo Yesu azocirakw iteka abazoba bariho n’abazoba bapfuye, kandi no kubgo kuzoboneka kwiwe n’ubgami bgiwe:


kuko yavuze, iti Mu gihe co kwemererwamwo ndakwumvise, No ku musi wo gukirizwako ndagutabaye. Ehe none n’igihe co kwemererwamwo, ehe none n’umusi wo gukirizwako.


Ni co gituma mudakwiye guca urubanza rw’ikintu na kimwe igihe carwo kitarashika, ni co kuza kw’Umwami wacu, azomurika ivyari vyanyegejwe mu mwiza, kand’ azogaragaza inama zo mu mitima: ni ho umuntu wese azohabga n’Imana ishimwe rimukwiye.


mfise ivyizigiro ku Mana bimwe n’ivyo aba na bo biteze, yuko hazoba ukuzuka kw’abagororotsi n’abagabitanya.


Maze bumvise ivy’ ukuzuka mu bapfuye, bamwe barishinyira, abandi bati Tuzoba turumva ukundi ivy’ utubarira kur’ ivyo.


Nuko Paulo, nk’uko yamenyereye, yinjira muri bo, amara amasabato atatu avugana na bo ivyo mu vyanditswe,


Bumvise ivyo, bibacumita mu mitima, babaza Petero n’izindi ntumwa, bati Bagabo bene Data, mbega tugire dute?


no kwigisha ivyo kubatizwa n’ivyo kurambikwakw ibiganza, n’ivyo kuzuka kw’abapfuye, n’ivyo gucirwakw iteka kw’ibihe bidashira.


rit’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Iri hanga rivuga ngw Igihe ntikiragera, igihe co kwongera kwubaka ingoro y’Uhoraho.


Ndavyumvise, amara yanje aradobangana, Iminwa yanje iradegezwa kubg’ iryo iwi; Ikimungu cinjira mu magufa yanje, mpindira agashitsi aho ndi; Nkwiye guhangana n’umusi w’amagorwa nduhutse, Igihe abansi bazotēza ubgoko bgacu ibitero.


Mbeg’ amafarasi yokwiruka ku rutare? Canke har’ uwoharimisha inka? Ariko mweho imanza ziroranye mwāzihinduye ibamba, n’imbuto z’ukugororoka mwāzihinduye umururazi,


Arikw imanza ziroranye, reka zisendanishe nk’amazi, n’ukugororoka gusendanishe nk’ uruzi rudahōka.


Mubibe mugendereye ukugororoka, mubone kwimbura nk’ukw imbabazi ziri; mumene imishike yanyu; kukw igihe kigeze co kurondera Uhoraho, gushitsa ah’ azozira, akabarekurira imvura y’ubugororotsi.


Bavuga amagambo atagira ikimazi, bakarahira ibinyoma mu gusezerana amasezerano; ni co gituma amateka azobaduka nk’uk’ ururamba rubaduka mu busīze bgo mu ndimiro.


Abaganwa bārwaye kuborerwa vino ku musi mukuru w’umwami wabo, na we nyene yaya amaboko hamwe n’abacokoranyi.


Kandi benshi bo mu bazoba basinziriye mw ivu hasi bazokwikangura, bamwe bikangurire ubugingo budashira, abandi bikangurire ubumāramāre n’ibitētērwa bitazoshira.


None mugenzi, wemere inama nkugīra; reka ivyaha vyawe ukore ibigororotse, kand’ ureke ibigabitanyo vyawe ugirire akagongwe impahazwa; kugira ngo kumbure kuroranirwa kwawe kube kuramaze kabiri.


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Birahāgije, yemwe ba segaba b’Abisirayeli: ni mureke umuryano no kunyaga, ni muce imanza zibereye n’iziroranye; mukūre ku bantu banje akadenderezo mubadendereza, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Mbeg’ ijambo ryanje si nk’umuriro? ni jewe Uhoraho mbibajije; canke si nk’inyundo imenagura igitandara?


Kuko jewe Uhoraho nkunda ibiroranye, nanka ubgambuzi n’ibigabitanyo; kandi nzobashumbusha ibikwiranye n’ukuri kwanje, nzosezerana namwe isezerano ritazoshira.


Ni murondere Uhoraho bigishoboka kw abonwa, ni mumwambaze akiri hafi:


Ni muzane imibūrano yanyu, ni k’Uhoraho agize; muserure inyanduruko zanyu zikomeye, ni k’Umwami wa Yakobo agize.


Hinda agashitsi, yemwe bagore bidibamiye; hagarika imitima, yemwe mwa bidage! Mwiyambure impuzu, mwīsige ubusa, mukenyere amagunira mu rukenyerero.


ni ho intebe y’ubgami izoshimangirwa n’imbabazi, kandi hazobah’ ūzoyivyagirako mu kuri, mu nzu ya Dawidi, ar’ umucamanza ashishikara izibereye, akabanguka gukora ivy’ ukugororoka.


Eh’ ukuntu umurwa wizigirwa ucitse maraya; ahāhora huzura imanza ziroranye, hakaba i wabo w’ubugororotsi, none hasigaye ar’ ah’ abicanyi.


Kand’ ivyabonetse vyar’ ibiteye ubgoba, vyatumye Mose avuga, ati Mfise ubgoba cane, ndahinda agashitsi.


Nuko rero, umuntu wese muri twebge azobazwa n’Imana ivyo yakoze.


Nuko bene Data, ndabahanūra kubg’ imbabazi z’Imana, ngo mutange imibiri yanyu ibe ibimazi bizima vyera, bihimbara Imana, ni kwo kuyikorera kwanyu kwogira ikimazi.


Ni ko bizoba ku musi Imana izocira amabanga y’abantu amateka muri Yesu Kristo, nk’uk’ ubutumwa bgiza nahawe buvuga.


Agiripa yishura Paulo, at’ Unkwegesha ivyo bike ng’ umpindure Umukristo?


Arikw Abayuda b’i Tesalonike bamenye yukw ijambo ry’Imana rivugwa na Paulo i Beroya kandi, bajayo na ho, bavyura imivurungano mu bantu, babahagarika imitima.


ariko va hasi, ushike mu gisagara, uzobarirwa ivy’ ukwiye gukora.


Ariko barirengagiza barīgīra, umwe aja mw itongo ryiwe, uwundi mu bidandazwa vyiwe.


Maze mur’ iryo joro nyene Belushaza umwami w’i Bukaludaya aricwa.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Ni muce imanza ziroranye n’izigororotse, mukize ūnyazwe, mumukūre mu kuboko kw’ ūmuhahaza; ntimugirire nabi canke ngo muhahaze ingenzi n’ impfuvyi n’umupfakazi, canke ngo muvishirize aha hantu amaraso y’ abatācumuye.


Kukw ivyo vyose intoke zanje ari zo zabiremye, bikabaho vyose, ni k’ Uhoraho agize; arik’ umuntu w’impahazwa afise umutima umenetse, agahindishwa agashitsi n’ ijambo ryanje, uwo ni we nzohozakw ijisho.


Enda ni muze, twītātūre, ni k’Uhoraho agize; nah’ ivyaha vyanyu vyotukura tukutuku, bizokwera derere nka shelegi; naho vyotukura nk’agahama, bizohinduka nk’ubgoya bg’intama y’umwero.


Kukw Imana izoshira igikorwa cose mu rubanza, bo n’ikintu cose gihishijwe, ari kibi ari ciza.


Ewe wa musore, nezererwa ubusore bgawe, kand’ umutima wawe ukunezereze mu misi y’ubusore bgawe, kand’ ugendere mu nzira z’umutima wawe, no mu kurāba kw’amaso yawe: ariko wame ubizi yukw Imana izogushira mu rubanza rw’ivyo vyose.


Ni wabona umworo ahahazwa, kand’ urubanza n’ibiroranye vyicwa ku manyama mu gihugu, ntibize bigutangaze: kukw Iyirusha abakuru ubukuru ivyitegereza, kandi har’ ubukuru bubarengeye.


N’ikizira ku bami gukora ikibi, Kukw ingoma ikomezwa n’ ubugororotsi.


Umubiri wanje uhindishwa agashitsi no kugutinya; Kandi ntinya imanza zawe.


Uhoraho arahangamye; amahanga ahinze agashitsi! Avyagiye ku Bakerubi; isi iranyiganyiga!


Azocira abantu bawe iziroranye, N’abagorwa bawe abacire iz’ ukuri.


Wakunze ukugororoka, wanka ubugarariji: Ni co catumye Imana, ni yo Mana yawe, Ikurobanuza amavuta y’umunezero ikakurutisha bagenzi bawe.


Kuk’ Uhoraho ar’ umugororotsi, kand’ akunda ivyo kugororoka, Abatunganye bazorāba mu nyonga hiwe.


Nambara ukugororoka, kukansagira, Kuroranya kwanje kwari kumbereye nk’umutamana n’ igitsibo.


Nuko mur’ iyo misi itatu Abayuda n’Ababenyamini bose bari bamaze gukoranira i Yerusalemu; hāri ku musi ugira mirongwibiri w’ukwezi kw’icenda; abantu bose bagandagaza ku kibuga imbere y’ ingoro y’Imana, bahindishwa agashitsi n’ivyo, kandi n’uko hāri n’ imvura nyinshi.


Nuko rero none dusezerane isezerano n’Imana yacu yuko twirukana abo bagore bose n’ abana bāvyaye, dukurikiye inama yawe mugenzi, n’iy’ abubaha icagezwe c’Imana yacu; kandi bigenzwe nk’ukw ivyagezwe bigera.


ngo Kuko watsinzwe mu mutima wawe, ukicisha bugufi imbere yiwe, igihe wumva ivyo yavuze kur’ aha hantu bo n’abahaba, ingene hazocika imisaka n’ikivume, ukitantamurirakw impuzu zawe, ukaririra imbere yiwe, ngo Na we arakwumvise; ni k’Uhoraho agize.


Maze Ahabu yumvise ayo majambo, aca yitantamurirakw impuzu ziwe, yambara amagunira, arisonzesha, aryama mu magunira nyene, agenda yifumbereje.


Imana y’Abisirayeli yaravuze, Igitandara c’Abisirayeli yarambgiye, It’ Ūganza abantu mu bugororotsi, Agatwara yubaha Imana,


Nuko none ni muhagarare, mbāgiririze imbere y’ Uhoraho, mbereke n’ivyo yabagiriye vyose mu bugororotsi, mwe na ba sogokuruza.


Kandi yanaziga ko Paulo yomuhēra amahera; ico ni co camutera kwama amuhamagaza ngo bayāge.


Nuko bumvise amajambo yose, beraguzanya bafise ubgoba, babarira Baruki, bati Ntitwobura kubarira umwami ayo majambo yose.


arikw abe ūkunda gutanga indāro, akunda ivyiza, adahugumba, agororoka, yera, yirinda,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite