Ivyakozwe 24:24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)24 Imisi mike ishize, Feliki azanana n’umugore wiwe Durusila w’Umuyudakazi, ahamagaza Paulo, yumviriza ivyo avuga ku vy’ukwizera Kristo Yesu. Gade chapit laBibiliya mu Kirundi coroshe24 Haheze imisi myinshi, Felisi azanana n’umugore wiwe Durusila, yari Umuyudakazi, atumako Pawulo kugira ngo amwumvirize avuga ivy’ukwizera Kristo Yesu. Gade chapit la |
Ariko tuzi yuk’ umuntu adatsindanishirizwa n’ibikorwa bishinzwe n’ivyagezwe, arikw atsindanishirizwa no kwizera Yesu Kristo. Natwe twizeye Kristo Yesu, ngo kwizera Kristo kube ari kwo kudutsindanishiriza, atar’ ibikorwa bishinzwe n’ivyagezwe; kukw ata muntu atsindanishirizwa n’ibikorwa bishinzwe n’ivyagezwe.