Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 24:24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Imisi mike ishize, Feliki azanana n’umugore wiwe Durusila w’Umuyudakazi, ahamagaza Paulo, yumviriza ivyo avuga ku vy’ukwizera Kristo Yesu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 Haheze imisi myinshi, Felisi azanana n’umugore wiwe Durusila, yari Umuyudakazi, atumako Pawulo kugira ngo amwumvirize avuga ivy’ukwizera Kristo Yesu.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 24:24
13 Referans Kwoze  

Nashinze intahe mu Bayuda no mu Bagiriki y’ukwihana mu nyonga z’Imana, n’ukwizera Umwami wacu Yesu Kristo.


Ariko tuzi yuk’ umuntu adatsindanishirizwa n’ibikorwa bishinzwe n’ivyagezwe, arikw atsindanishirizwa no kwizera Yesu Kristo. Natwe twizeye Kristo Yesu, ngo kwizera Kristo kube ari kwo kudutsindanishiriza, atar’ ibikorwa bishinzwe n’ivyagezwe; kukw ata muntu atsindanishirizwa n’ibikorwa bishinzwe n’ivyagezwe.


Aho ni ho ukwihangana kw’abera guserukira, bitondera ivyagezwe n’Imana n’ukwizera Yesu.


Bakundwa, hamwe nashiruka umwete wo kubandikira ivy’ agakiza dusangiye, nari numvise ikingōbēra kubandikira ivyo kubahanūra kurwanira cane ukwizera abera bahawe rimwe gusa.


Uwemera wese yuko Yesu ari Kristo, ni we yavyawe n’Imana; kand’ umuntu wese akunda uwo Muvyeyi, akunda n’uwavyawe na we.


Iki conyene ni co ngomba ko mumbgira: mbega Mpwemu mwamuronkeshejwe n’ibikorwa vy’ivyagezwe, canke n’ukwumva gufatanije n’ukwizera?


Nabambanywe na Kristo, ariko ndiho; yamara si jewe nkiriho, ni Kristo ariho muri jewe. Ivyo nkora vyose nkiriho mu mubiri mbikoreshwa no kwizera Umwana w’Imana yankunze, akanyigura.


None nabonye gutabarwa kwavuye ku Mana, ndacahagaze kugeza n’ubu, nshingira intahe aboroshe n’abahambaye, nta kindi mvuga atar’ ivy’ abāvugishwa n’Imana na Mose bāvuze ko bizoba,


Baramwishura, bat’ Izere Umwami Yesu, urakira, mwe n’abo mu nzu yawe.


Herode abonye Yesu aranezerwa cane, kuko yahereye kera yifuza kumurāba, kuko yahora yumva ivyiwe, kandi yaziga ko yobona ikimenyetso yokora.


Ageza kurāba Yesu, ngw amenye ukw asa, bimwankira kubg’ ishengero, kuko yari mugufi.


kuko Herode yatinya Yohana, amuzi kw agororotse kand’ ar’ umuntu yera, aramurinda: iy’ amwumvise hose, ivyiwe vyaramuzazanira, yamara yanezererwa kumwumva.


Akirikw aravuga ivy’ ukugororoka n’ivy’ ukwirinda n’ivy’ amateka azocibga, Feliki aranduka umutima, aramubarira, at’ Ubu ni wīgīre, ni naronka uburyo bgiza nzogutumako.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite